Yona 1:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Maze Yehova arungika urufi runini ngo rumire Yona+, bituma Yona amara imbere muri nya rufi imisi itatu n’amajoro atatu+. Matayo 16:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuva ico gihe Yezu Kristu atangura kwereka abigishwa biwe yuko ategerezwa kuja i Yeruzalemu agashikirwa n’ibintu vyinshi atejwe n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+. Mariko 8:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Vyongeye, atangura kubigisha yuko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi hanyuma akicwa+, maze akazuka haciye imisi itatu+. Luka 9:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 mugabo avuga ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa+, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+.” Ivyakozwe 17:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 asigura yongera yemeza akoresheje ibintu vyanditswe yuko vyari nkenerwa ko Kristu acumukura+ hanyuma akazuka mu bapfuye+, avuga kandi ati: “Uyo ni we Kristu+, uyo Yezu ndiko ndabamenyesha.”
17 Maze Yehova arungika urufi runini ngo rumire Yona+, bituma Yona amara imbere muri nya rufi imisi itatu n’amajoro atatu+.
21 Kuva ico gihe Yezu Kristu atangura kwereka abigishwa biwe yuko ategerezwa kuja i Yeruzalemu agashikirwa n’ibintu vyinshi atejwe n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+.
31 Vyongeye, atangura kubigisha yuko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi hanyuma akicwa+, maze akazuka haciye imisi itatu+.
22 mugabo avuga ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa+, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+.”
3 asigura yongera yemeza akoresheje ibintu vyanditswe yuko vyari nkenerwa ko Kristu acumukura+ hanyuma akazuka mu bapfuye+, avuga kandi ati: “Uyo ni we Kristu+, uyo Yezu ndiko ndabamenyesha.”