Zaburi 22:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nayo abambona bose, bantwengera mw’ijigo+;Baguma bataburura iminwa, baguma bazunza umutwe, ngo+: Zaburi 22:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kuko imbwa zinkikuje+;Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+. Zaburi 34:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Arinda amagufa yiwe yose;Nta na rimwe muri yo ryavunywe+. Zaburi 69:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Mugabo bampaye igiterwa c’ubumara ngo kimbere ibifungurwa+,Bagerageza kunywesha inkarihe ngo banzimye inyota+. Zaburi 118:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ibuye abubatsi bataye+Ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka+. Yesaya 50:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+. Yesaya 53:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+. Yesaya 53:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.
16 Kuko imbwa zinkikuje+;Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+.
21 Mugabo bampaye igiterwa c’ubumara ngo kimbere ibifungurwa+,Bagerageza kunywesha inkarihe ngo banzimye inyota+.
6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+.
3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+.
5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.