ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 22:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Nayo abambona bose, bantwengera mw’ijigo+;

      Baguma bataburura iminwa, baguma bazunza umutwe, ngo+:

  • Zaburi 22:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kuko imbwa zinkikuje+;

      Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.

      Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+.

  • Zaburi 34:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Arinda amagufa yiwe yose;

      Nta na rimwe muri yo ryavunywe+.

  • Zaburi 69:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Mugabo bampaye igiterwa c’ubumara ngo kimbere ibifungurwa+,

      Bagerageza kunywesha inkarihe ngo banzimye inyota+.

  • Zaburi 118:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ibuye abubatsi bataye+

      Ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka+.

  • Yesaya 50:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+.

  • Yesaya 53:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+.

  • Yesaya 53:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika