ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 40:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Ku bw’ivyo, navuze nti: “Ehe naje+,

      Mu muzingo w’igitabu bikaba vyanditswe kuri jewe+.

  • Zaburi 118:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova+;

      Twarabahezagiye turi mu nzu ya Yehova+.

  • Ezekiyeli 21:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Nzokigira umusaka, umusaka, umusaka+. Ico kandi, ni ukuri nta we kizokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi sinzobura kukimuha+.’

  • Zakariya 9:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Nezerwa cane, wa mukobwa wa Siyoni+! Niwihe akaruru k’intsinzi+, wa mukobwa wa Yeruzalemu! Raba! Umwami wawe+ araje kuri wewe+. Aragororotse kandi ni nyen’intsinzi+; aricisha bugufi+, kandi agendera ku ndogobwa, egome, ku gitungwa gikuze kivuka ku ndogobwa y’ingore+.

  • Malaki 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Ehe ntumye intumwa yanje+, na yo izotunganya inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri+ azoza ku rusengero rwiwe+, uwo mwebwe murondera, be na ya ntumwa+ y’isezerano+, iyo muhimbarirwa+. Ehe azoza koko,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze+.

  • Matayo 3:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Jeho ndababatirisha amazi+ ku bw’ukwigaya+ kwanyu; mugabo uwuriko araza+ inyuma yanje arakomeye kundusha, kandi inkweto* ziwe ntibimbereye kuzimwambura+. Uyo azobabatirisha impwemu nyeranda+ n’umuriro+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika