2 Hanyuma umwami aduga ku nzu ya Yehova, ari kumwe n’abagabo ba Yuda bose n’ababa i Yeruzalemu bose, be n’abaherezi+ n’abahanuzi n’abantu bose, kuva ku muto gushika ku wuhambaye+; atangura gusomera+ mu matwi yabo amajambo yose yo muri nya gitabu+ c’isezerano+ cari cubuwe mu nzu ya Yehova+.