Zaburi
Ku muyobozi wa Yedutuni+. Agahibongozo ka Dawidi.
39 Navuze nti: “Nzorinda inzira zanje+
Ngo sincumure n’ururimi rwanje+.
Nzoshiraho ikirumyo kirinda umunwa wanje+,
Igihe cose umubisha azoba ari imbere yanje+.”
2 Nagumye mu gacerere, ncika nk’ikiragi+;
Nagumye ninumiye ku vyerekeye iciza+,
Ukubabara kwanje na kwo kurakumirwa.
3 Umutima wanje warashuhiye imbere muri jewe+;
Mu gihe c’ukuniha kwanje umuriro wagumye waka.
Navuze n’ururimi rwanje nti:
4 “Menyesha iherezo ryanje, ewe Yehova+,
N’urugero rw’imisi yanje, urwo ari rwo+,
Kugira menye ingene ndi uwumara akanya isase+.
5 Raba! Imisi yanje wayigize imparurwa+;
Ikiringo ubuzima bwanje bumara ni nk’ubusa imbere yawe+.
Ni ukuri, umuntu wese yakuwe mw’ivu naho ahagarara ashikamye, nta kindi ari atari impemu zisohotse+. Sela.
6 Ni ukuri, umuntu burya agendagenda ari ishusho nsa+.
Ni ukuri, basebagirikira ubusa+.
Umuntu ararundanya ibintu, ntamenye uwuzobitwara+.
11 Wakosoye umuntu ukoresheje ibikangiro vyiyamiriza ikosa+,
Kandi ukuguta nk’agakoko* ibintu vyiwe vy’igikundiro+.
Ni ukuri, umuntu wese yakuwe mw’ivu ni impemu zisohotse+. Sela.