Yobu
20 Zofari Umunayamati asubizayo ati:
2 “Ni co gituma ivyiyumviro bidurumbanya vyanje binyishura,
Kubera umudugararo wo muri jewe.
3 Numva uguhimiriza kwo kuntuka;
Kandi impwemu itagira ugutegera nk’ukwo mfise ni yo insubiza.
4 Mbega ibihe vyose wamye uzi iki kintu,
Kuva umuntu ashizwe kw’isi+,
5 Yuko akamo k’umunezero k’ababisha ari kagufi+
Be n’uko umunezero w’umuhuni ari uw’akanya gato?
6 Naho icubahiro ciwe kiduga gushika mw’ijuru+,
N’umutwe wiwe ugashikira ibicu,
7 Azimangana ibihe bidahera nk’umwanda mukuru umuvuyemwo+;
Abahora bamubona bazovuga ngo: ‘Ari hehe+?’
10 Abahungu biwe bazorondera ubutoni ku bantu batoyi,
Kandi amaboko yiwe azosubiza ibintu vyiwe vy’agaciro+.
12 Nimba ikibi gisosa mu kanwa kiwe,
Nimba agishongereza munsi y’ururimi rwiwe,
13 Nimba acumvira impuhwe ntagihebe,
Kandi nimba akigumiza hagati mu magage yiwe,
14 Ibifungurwa vyiwe bizohindurwa mu mara yiwe;
Bizoba indurwe y’imvuvyi muri we.
15 Ubutunzi yaramize miyonzwa, ariko azobudahwa;
Imana izobuhinda bumuve mu nda.
18 Azosubiza itunga yaronse, ntazorimira miyonzwa;
Kimwe n’ubutunzi buvuye mu rucuruza rwiwe, yamara atazonezererwa+.
21 Nta kintu asigaranye co kurotsa;
Ni co gituma ukumererwa neza kwiwe kutazorama.
23 Kugira inda yiwe yuzure,
Imana nimurungikeko ishavu ryayo riturira+
Irimucuncuburireko, rishike mu mara yiwe.
25 Umwampi uzosohokana mu mugongo wiwe,
Ikirwanisho gica ibibatsi na co gisohokane mu ndurwe yiwe+;
Ibintu vy’agacavutu bizogenda bimutumbereye+.