Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Ni izaburi ya Dawidi.
61 Niwumve akamo kanje k’ukwinginga, ewe Mana+!
Niwumvirize isengesho ryanje+.
2 Nzoririra ku mpera y’isi, ndirira wewe, umutima wanje niwagoyagoya+.
Nunyobore unshire ku gitandara kirekire kunduta+.
3 Kuko wambereye ubuhungiro+,
Umunara ukomeye imbere y’umwansi+.
4 Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe bitagira urugero+;
Nzohungira mu bwihisho bw’amababa yawe+. Sela.
5 Kuko wewe ubwawe, ewe Mana, wumvirije indagano zanje+.
Wampaye intoranwa y’abatinya izina ryawe+.
6 Uzokwongera imisi ku misi y’umwami+;
Imyaka yiwe izomera nk’uko iyaruka rikurikira irindi+.
7 Azokwibera imbere y’Imana gushika igihe kitagira urugero+;
Yoo! bwiriza ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, bimuzigame+.
8 Ni co gituma nzohibongoreza izina ryawe ibihe bidahera+,
Kugira ngo nshitse indagano zanje uko bukeye uko bwije+.