Guharura
20 Mu kwezi kwa mbere, ishengero ryose ry’Abisirayeli rishika mu bugaragwa bwa Zini, maze abantu batangura kuba i Kadeshi+. Aho ni ho Miriyamu+ yapfiriye kandi ni ho bamuhamvye.
2 Ariko aho hantu nta mazi yariho ishengero ryokoresha+. Abantu rero baca bakoranira hamwe, bagarariza Musa na Aroni. 3 Batangura gushwanira Musa+, bamubwira bati: «Iyo dupfuma dupfa igihe benewacu bapfira imbere ya Yehova! 4 Mbega mwazanye ishengero rya Yehova muri ubu bugaragwa kugira dupfire ng’aha n’ibitungwa vyacu+? 5 Kuki mwadukuye mu Misiri mukatuzana muri uku kuzimu+? Nta kintu na kimwe wohatera. Nta nsukoni zihari, nta mizabibu, nta makomamanga nta n’amazi yo kunywa ahari+.» 6 Musa na Aroni baca bava imbere y’ishengero, baza ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, maze barunama mu maso hashika hasi. Ubuninahazwa bwa Yehova buca butangura kubabonekera+.
7 Yehova abwira Musa ati: 8 «Tora ya nkoni hanyuma wewe na Aroni mwenewanyu mukoranye ishengero, muheze mubwire igitandara babona kugira kizane amazi. Muzobakurira amazi mu gitandara maze muyahe ishengero n’ibitungwa vyabo kugira binywe+.»
9 Musa aca atora ya nkoni imbere ya Yehova+ nk’uko yari amutegetse. 10 Musa na Aroni baca bakoraniriza ishengero imbere y’ico gitandara, maze Musa ababwira ati: «Umviriza mwa bagarariji mwe! Mushaka ko tubakurira amazi muri iki gitandara+?» 11 Musa aca aduza ukuboko, akubita inkoni ico gitandara incuro zibiri. Haca haza amazi menshi, ishengero rica ritangura kuyanywa hamwe n’ibitungwa vyabo+.
12 Mu nyuma, Yehova abwira Musa na Aroni ati: «Kubera yuko mutanyizeye ngo mwerekane ko ndi mweranda imbere y’Abisirayeli, ntimuzokwinjiza iri shengero mu gihugu nzobaha+.» 13 Ayo ni ya mazi y’i Meriba*+, hamwe Abisirayeli bidogera* Yehova ku buryo abereka ko ari mweranda.
14 Mu nyuma Musa ari i Kadeshi, atuma intumwa ku mwami wa Edomu+ ngo zimubwire ziti: «Mwenewanyu Isirayeli+ avuze ati: “Urazi neza ingorane zose twaciyemwo. 15 Ba sokuru bacu baragiye mu Misiri+ kandi twaramaze imyaka* myinshi+ tuba mu Misiri. Ariko Abanyamisiri baradufashe nabi twe na ba sokuru bacu+. 16 Twahavuye dutakambira Yehova+, na we aratwumva. Yaciye arungika umumarayika wiwe+ adukura mu Misiri, none ubu tugeze i Kadeshi, igisagara kiri ku rubibe rw’akarere kawe. 17 Turakwinginze utureke duce mu gihugu cawe. Ntituzoca mu mirima yanyu canke mu mizabibu yanyu, kandi nta mazi yo mu binogo vyanyu tuzonywa. Tuzojana ibarabara ry’umwami kandi ntituzokatira iburyo canke ibubamfu, gushika turenganye akarere kawe+.”»
18 Ariko umwami wa Edomu amwishura ati: «Ntimuce mu karere kacu. Mukahaca nzoza kubategera n’inkota.» 19 Abisirayeli bamwishura bati: «Tuzodugana ibarabara rikuru*, kandi twe n’ibitungwa vyacu nitwanywa amazi yanyu tuzoyariha+. Nta kindi dushaka atari ukwirenganira n’amaguru+.» 20 Na we yishura ati: «Ntimuhace+!» Umwami wa Edomu aca aza kubatera ari kumwe n’isinzi ry’abantu hamwe n’igisoda* gikomeye. 21 Nuko umwami wa Edomu yankira Abisirayeli guca mu karere kiwe. Abisirayeli baca barakata baramubisa+.
22 Ishengero ryose ry’Abisirayeli rica riva i Kadeshi hanyuma rishika ku musozi Hori+. 23 Yehova rero avugana na Musa na Aroni bari ku musozi Hori, hafi y’urubibe rw’igihugu ca Edomu, ababwira ati: 24 «Aroni agira apfe ahamvye ab’iwabo*+. Ntazokwinjira mu gihugu nzoha Abisirayeli, kuko mwagararije itegeko nabahaye ku bijanye na ya mazi y’i Meriba+. 25 Tora Aroni n’umuhungu wiwe Eleyazari ubadugane ku musozi Hori. 26 Uzoca wambura Aroni impuzu ziwe+ hanyuma uzambike umuhungu wiwe Eleyazari+. Aroni azoca apfira ng’aho.»
27 Musa aca akora ivyo Yehova amutegetse, baduga umusozi Hori ishengero ryose ribona. 28 Musa araheza yambura Aroni impuzu ziwe, azambika Eleyazari umuhungu wiwe. Inyuma y’ivyo, Aroni apfira ng’aho kw’isonga ry’umusozi+. Musa na Eleyazari baca baramanuka bava kuri uwo musozi. 29 Ishengero ryose ry’Abisirayeli ribonye ko Aroni yapfuye, rica rimara imisi 30 rimuririra+.