Indirimbo ya Salomo
Namuye imira* n’utwatsi tumota neza+.
Nariye ubuki bwanje n’ikimamara canje.
Nanyoye umuvinyu wanje n’amata yanje+.»
«Nimwirire bagenzi bacu!
Nimwinywere kandi muborerwe urukundo+!»
2 «Ndasinziriye, ariko umutima wanje uri maso+.
Ndumva umukunzi wanje ariko aradodora!
“Nyugururira mushikanje, mukunzi wanje,
numa yanje, mugenzi wanje atagira akanenge!
Kuko umutwe wanje wajovye kubera urume,
umushatsi wanje wajovye kubera utumatuma two mw’ijoro+.”
3 Namaze kwambura ikanzu yanje.
None nsubire kuyambara?
Namaze kwoga ibirenge.
None nsubire kubicafuza?
4 Umukunzi wanje yasokoye ukuboko mu ntoboro y’umuryango,
umutima wanje uca uramvamwo.
5 Navyutse ngo nugururire umukunzi wanje,
amaboko yanje aca ajojota imira,
intoke zanje na zo zijojota amazi y’imira,
bijojotera ku mikono y’ivyugazo.
6 Nugururiye umukunzi wanje,
ariko nsanga yasubiye inyuma, yagiye.
Naravunitse umutima nsanze yagiye*.
Naramurondeye ariko sinamubona+.
Naramuhamagaye ariko ntiyanyishuye.
7 Inderetsi zari kw’irondo mu gisagara zarambonye.
Zarankubise, zirankomeretsa.
Inderetsi zicunze impome zarantwaye umwitwikiro wanje*.
8 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahije:
nimwabona umukunzi wanje,
mumubwire ko ndwaye urukundo.»
9 «Umukunzi wawe arusha iki abandi bakunzi,
ga mwigeme mwiza kuruta abandi bose?
Umukunzi wawe arusha iki abandi bakunzi,
ku buryo uturahiza indahiro nk’iyo?»
10 «Umukunzi wanje arayagayaga kandi ari inzobe.
Aribonekeza iyo ahagaze mu bantu ibihumbi cumi.
11 Umutwe wiwe ni inzahabu, inzahabu ityoroye.
Imishatsi yiwe imeze nk’amababi y’ibigazi ariko arahungabana*,
kandi irirabura nk’igikona.
12 Amaso yiwe ameze nk’inuma ziri iruhande y’imigezi y’amazi,
ziriko ziroga mu mata,
zicaye iruhande y’ikinogo cuzuye amazi*.
Iminwa yiwe imeze nk’amashurwe y’amalisi kandi itonyanga amazi y’imira+.
14 Intoke ziwe ni udukoni tw’inzahabu turiko utubuye twitwa kirizolito.
Inda yiwe ni amasenge* asenye neza ashasheko amabuye ya safiro.
15 Amaguru yiwe ni inkingi z’amabuye meza cane* zishinze mu tugata tw’inzahabu ityoroye.
Asa na Libani, ubwiza ntangere bw’amasederi+.
Uyo ni we mukunzi wanje, uwo nikundira, emwe bakobwa b’i Yeruzalemu!»