22 Aho Yehova amariye gukiza Dawidi abansi biwe bose+, akamukiza na Sawuli+, yaririmbiye Yehova+ ati:
2 «Yehova ni urutare rwanje n’igihome canje gikomeye+, kandi ni we ankiza+.
3 Imana yanje ni yo gitandara canje+ mpungirako.
Ni yo nkinzo yanje+ n’ihembe rinkiza, ubuhungiro bwanje butekanye+.
Ni yo mpungirako+, ni yo mukiza wanje+, ni yo inkiza inkozi z’ikibi.
4 Yehova ni we nambaza kuko abereye gushemezwa,
kandi azonkiza abansi banje.
5 Imipfunda y’urupfu yaguma yisuka irya n’ino yanje+.
Isegenya ry’abantu b’imburakimazi ryaguma rintera ubwoba+.
6 Imigozi y’ukuzimu yari yankikuje+,
imitego y’urupfu yari impanze+.
7 Nambaje Yehova mu marushwa yanje+,
nguma ntabaza Imana yanje.
Iraheza yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo,
ugutabaza kwanje gushika mu matwi yayo+.
8 Isi yaciye itangura kunyiganga no gutigita+,
imishinge y’ijuru irajugumira+,
iguma itigita kubera bari bashavuje Imana+.
9 Umwotsi utangura gufumba mu mazuru yayo,
mu kanwa kayo na ho hava umuriro utema ugatongora+,
hirya no hino yayo amakara arurumba akarabagiza.
10 Nuko igonda ijuru iramanuka+.
Munsi y’ibirenge vyayo hari umwiza w’umuzitanya+.
11 Yaje iguruka iri ku mukerubi+,
ikaboneka iri ku mababa y’umumarayika+.
12 Iraheza yikikuza umwiza, ibicu vy’imvura n’ibicu bizitanye+,
bimera nk’ihema kuri yo.
13 Ukwakaka kw’imbere yayo kwatuma amakara arurumba.
14 Maze Yehova atangura guturagara ari mw’ijuru+,
ijwi rya Musumbavyose rirumvikana+.
15 Arasa imyampi yiwe+, abansi banje barashwiragira.
Arungika imiravyo yiwe maze barahungabana+.
16 Mu nda y’ikiyaga hatangura kuboneka+,
imishinge y’isi ija ahabona kubera ugukankama kwa Yehova,
kubera uguhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yiwe+.
17 Yatumye ukuboko ari iyo hejuru,
aramfata ankura mu mazi y’ibenga+.
18 Yarankijije umwansi wanje akomeye+,
ankiza abanyanka kandi bandusha inkomezi.
19 Barandwanije igihe nari mu vyago+,
ariko Yehova yaranshigikiye.
20 Yanjanye ahantu hatagira inkomanzi+,
arankiza kubera anshima+.
21 Yehova ampemba yisunze ubugororotsi bwanje+,
akanyishura ivyiza kuko amaboko yanje ata kibi yakoze+.
22 Nagumye ngendera mu nzira za Yehova,
sinakora ikibi co guheba Imana yanje.
23 Ingingo zose+ yashinze ndazamiza ku muzirikanyi.
Amategeko yayo sinzoyaca ku ruhande+.
24 Nzoguma ndi intungane+ imbere yayo,
nirinde gukora amakosa+.
25 Yehova nanyishure ivyiza yisunze ubugororotsi bwanje+,
yisunze ukuntu amaboko yanje ata kibi yakoze imbere yiwe+.
26 Ntiwigera uhemukira intahemuka+,
kandi umuntu w’intungane umubera intungane+.
27 Uwuguma adahumanye umubera uwudahumanye+,
ariko uwugoramye umwereka ko uri umunyabwenge+.
28 Kuko ukiza abicisha bugufi+,
ariko abishira hejuru ukabaraba igitsure, ukabashira hasi+.
29 Ewe Yehova, uri itara ryanje+.
Yehova ni we atuma umwiza unkikuje uhinduka umuco+.
30 Ni wewe unshoboza gutera akagwi k’abambuzi.
Inkomezi z’Imana yanje ni zo zinshoboza kwurira uruzitiro+.
31 Ivyo Imana y’ukuri ikora vyose biratunganye+.
Ijambo rya Yehova riratyoroye+.
Abera inkinzo abamuhungirako bose+.
32 None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+?
Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+?
33 Imana y’ukuri ni yo buhungiro bwanje bukomeye+,
kandi ni yo igorora inzira yanje+.
34 Ituma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,
ikamfasha guhagarara ahantu hahanamye+.
35 Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.
Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu.
36 Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro.
Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+.
37 Wagura inzira ncamwo,
kugira ngo ibirenge vyanje ntibinyerere+.
38 Nzokurikirana abansi banje ndabazimanganye.
Nzogaruka ari uko ndabahoneje.
39 Nzobahonya ndabasye, ntibasubire kuvyura umutwe+.
Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje.
40 Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba+,
utume abansi banje bagwa imbere yanje+.
41 Uzotuma abansi banje bampunga+,
kandi nzoherengeteza abanyanka+.
42 Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,
bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye+.
43 Nzobahonda banoge nk’umukungugu wo hasi.
Nzobasya ndabahonyange nk’urwondo rwo mw’ibarabara.
44 Uzonkiza abantora amahinyu mw’ihanga ryacu+.
Uzonkingira kugira mbe umukuru w’amahanga+.
Abantu ntari nzi bazonkorera+.
45 Abanyamahanga bazoza imbere yanje bahinda agashitsi+.
Ivyo bazokwumva ku binyerekeye bizotuma bangamburukira.
46 Abanyamahanga bazocika intege,
bave mu buhungiro bwabo bajugumira.
47 Yehova ni muzima! Nashemezwe we Gitandara canje+!
Imana yo gitandara kinkiza nishirwe hejuru+!
48 Imana y’ukuri ni yo isubiriza mu nkoko abansi banje+,
igatuma nganza amahanga+.
49 Ni yo inkiza abansi banje.
Mana yanje, ni wewe unduza+ ukantwara kure y’abandwanya,
ukankiza umuntu akora ivy’ububisha+.
50 Ni co gituma nzogukengurukira mu mahanga, ewe Yehova+!
Nzoririmbira amashemezo izina ryawe+.
51 Akiza umwami wiwe mu buryo bukomeye+,
akagirira ubuntu uwo yarobanuje amavuta.
Dawidi n’uruvyaro rwiwe abagirira ubuntu ibihe bidahera+.»