Zaburi
74 Ewe Mana, kubera iki wadutaye ibihe vyose+?
Kubera iki washavuriye cane ubusho bwo mu buragiro bwawe+?
Niwibuke umusozi Siyoni, uwo wabayeko+.
3 Simba urabe ahantu hasambuwe kuva kera+.
Umwansi yarasambaguye ibintu vyose vy’ahantu heranda+.
4 Abansi bawe bararoshe bari mu kibanza usengerwamwo*+.
Barahashinze ibimenyetso vyabo.
5 Bari bameze nk’abantu batema ibiti bizitanye bakoresheje amashoka.
6 Ibisharizo+ vyaho vyose babimenaguje amashoka n’ivyuma.
7 Baraturiye ahantu hawe heranda+.
Barahumanije ihema ryitirirwa izina ryawe, barisenyurira hasi.
8 Bo hamwe n’uruvyaro rwabo, bibwiye mu mitima yabo bati:
«Ibibanza vyose basengeramwo Imana muri iki gihugu bitegerezwa guturirwa.»
9 Nta bimenyetso vyacu tubona,
nta muhanuzi n’umwe akihari,
kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara.
10 Ewe Mana, umwansi azoguma agucokora gushika ryari+?
Umwansi azoguma asuzugura izina ryawe ibihe vyose+?
11 Kubera iki udasokorora ukuboko kwawe, ukuboko kwawe kw’ukuryo+?
Sokorora ukuboko kwawe ubahonye.
13 Wasebagije ikiyaga n’ububasha bwawe+,
umenagurira mu mazi imitwe y’ibikoko bininibinini vyo mu mazi.
16 Umurango ni rwawe, kandi n’ijoro ni rwawe.
Ni wewe waremye umuco* n’izuba+.
18 Ewe Yehova, niwibuke ibitutsi vy’umwansi wawe,
ingene ihanga ry’imburabwenge risuzugura izina ryawe+.
19 Ntuhe inuma* yawe ibikoko vyo mw’ishamba.
Ntiwibagire buhere abantu bawe bari mu marushwa.
20 Niwibuke isezerano ryawe,
kuko ahantu hose h’umwiza kw’isi hasigaye huzuye ababisha.
22 Ewe Mana, nuhaguruke wiburanire.
Niwibuke ingene abantu b’imburabwenge birirwa baragutuka+.
23 Ntiwibagire ivyo abansi bawe bavuga.
Abakurwanya baguma baduza urwamo.