Woba uvyibuka?
Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni ibintu bitatu bihambaye ibihe bishobora kudufasha kunanira agatima ako ari ko kose ko gukora ibitagororotse?
Ni: (1) Ugutinya Imana mu buryo bubereye. (1 Pet. 3:12) (2) Kugira ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. (3) Kwihatira gutsimbataza agatima ko kubumbwa n’ivyo dufise.—15/4, urupapuro rwa 6-7.
• Tumenya gute yuko gukorera Yehova ata gufyina bitama bisobanura kwerekana ko turi abantu batanyinyuka canke batigera biruhura?
Turashobora kurimbura akarorero ka Yezu. Yarakunda gusangira n’abandi mu buryo bwo kwiruhura. Turazi yuko atari umuntu adafyina na gato canke atanyinyuka. Abandi bantu, mbere n’abana, barumva bashaka kumwegera, kandi bakumva bisanze igihe baba bari kumwe nawe.—15/4, urupapuro rwa 10.
• Abubakanye bokora iki igihe ubucuti bafitaniye busa n’ubwagoyagoye aho bamariye kuronka abana?
Barakeneye gukurana amazinda yuko bakundana. Umunega arashobora kugira akigoro kugira ngo akure umukenyezi wiwe amazinda yoba afise. Kandi bompi barakeneye kugerageza kuganira neza ku bijanye n’ukuntu biyumva no ku bijanye n’ivyo bakeneye mu vy’umubiri.—1/5, urupapuro rwa 12-13.
• Igiti c’umwelayo kivugwa mu Baroma ikigabane ca 11 kigereranya iki?
Ico giti c’umwelayo cerekeza ku gihimba c’inyongera ca rwa ruvyaro rwa Aburahamu, ni ukuvuga Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Yehova ni nk’umuzi w’ico giti c’umwelayo c’ikigereranyo, Yezu na we akaba nk’umutumba waco. Igihe benshi mu Bayuda bo ku mubiri batera akagere Yezu, Abanyamahanga bacitse abizera barashoboye kwomekwa kuri ico giti, gutyo haraboneka igitigiri cuzuye c’igihimba c’inyongera ca rwa ruvyaro rwa Aburahamu.—15/5, urupapuro rwa 22-25.
• Ni inkuru nziza bimwe bidasanzwe iyihe twobwira aboro?
Iyo nkuru nziza ni iy’uko Imana yagenye Yezu ngo abe Umwami. Ni we Mutegetsi abereye yokuraho ubukene. Kubera iki? Kubera yuko azoganza abantu bose kandi akaba afise ububasha bwo guhagurukira ibintu; aragirira impuhwe aboro; kandi arashobora gukuraho ikintu gitera ubukene, ni ukuvuga impengamiro twarazwe yo kwikunda.—1/6, urupapuro rwa 7.
• Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira Kayifa ati: “Wewe ubwawe urabivuze”?—Mat. 26:63, 64.
Biboneka yuko iyo mvugo ngo “wewe ubwawe urabivuze” yari imvugo Abayuda bakoresha mu kwemeza ko ikintu kanaka kivuzwe ari ukuri. Uwo Muherezi Mukuru Kayifa yari abajije Yezu ko yoba ari we Kristu, Umwana w’Imana. Inyishu Yezu yatanze ngo “Wewe ubwawe urabivuze,” yari iyo kwemeza ico kintu.—1/6, urupapuro rwa 18.
• Abantu bari gukomoka kuri wa muntu atagira agasembwa Yezu boba bari gushobora kuba mu bigize incungu?
Oya. Naho abantu amamiliyaridi batagira agasembwa bari gushobora gukomoka kuri Yezu, urwo ruvyaro ntirwobaye mu bigize incungu. Ubuzima bwa Yezu butagira agasembwa ni bwo bwonyene bwari buringaniye n’ubwa Adamu. (1 Tim. 2:6)—15/6, urupapuro rwa 13.
• Abakirisu bashobora gute kwerekana ko bafata nkama ingabisho ijanye n’abigisha b’ikinyoma ivugwa mu Vyakozwe 20:29, 30?
Ntibakira i muhira iwabo abigisha b’ikinyoma canke ngo babaramutse. (Rom. 16:17; 2 Yoh. 9-11) Abakirisu baririnda ibitabu vy’abahuni, ibiganiro vyo kuri Televiziyo bivuga ibiberekeye be n’imihora yo kuri Internet irimwo inyigisho zabo.—15/7, urupapuro rwa 15-16.
• Ni nde akwiye kwigisha abana ivyerekeye Imana?
Sebibondo na inabibondo barakwiye gufashanya muri ico gikorwa, nk’uko Bibiliya ibihanura. (Imig. 1:8; Ef. 6:4) Ubushakashatsi bwerekana yuko igihe abavyeyi bompi babigizemwo uruhara, bigira ikintu ciza bikoze ku bana.—1/8, urupapuro rwa 6-7.