ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 32:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Hanyuma ku musi nyene ukurikira, Musa atangura kubwira abantu ati: “Mwebwe mwacumuye igicumuro gikomeye+, kandi ubu ngira nduge kwa Yehova. Hari aho noshobora gutanga iciru ku bw’igicumuro canyu+.”

  • Abalewi 12:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mugabo nimba ata buryo buhagije afise bwo kuronka intama, aze atore intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+, imwe ibe iy’ishikanwa riturirwa, iyindi ibe iy’ishikanwa ry’igicumuro, umuherezi aheze amutangire impongano+, uwo mugore aheze abe uwudahumanye.’”

  • Abalewi 16:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Kandi nta wundi muntu n’umwe akwiye kuba ari mw’ihema ry’ihuriro kuva igihe yinjiye gutanga impongano ahantu heranda gushika asohotse. Aze atange impongano ku bwiwe+ no ku bw’inzu yiwe no ku bw’ishengero ryose rya Isirayeli+.

  • Guharura 15:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Umuherezi aze atangire impongano+ ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, na bo bazobabarirwa; kuko kwabaye ukwihenda+; na bo, ku ruhande rwabo, bakaba bazanye bwa shikanwa ryabo ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova n’ishikanwa ry’igicumuro ryabo imbere ya Yehova ku bw’ukwihenda kwabo.

  • Abanyefeso 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Muri we, turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu* tubihawe n’amaraso+ y’uwo, egome, ukubabarirwa+ amakosa yacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo buri+.

  • 1 Timoteyo 2:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana+ n’abantu+, akaba ari umuntu, ni we Kristu Yezu+,

  • Abaheburayo 2:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ku bw’ico rero yabwirijwe gucika nka “bene wabo” mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru w’umunyembabazi n’umwizigirwa mu vyerekeye Imana+, kugira ngo atange ikimazi c’impongano+ ku bw’ibicumuro vy’abantu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika