Gusubira mu vyagezwe 5:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+; Gucura intimba 2:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Amaso yanje yarangiriye mu mosozi+. Amara yanje ariko aradobangana+.Igitigu canje casutswe hasi+, kubera ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+,Kubera abana be n’abonka barabiye mu bibanza vya bose vyo mu gisagara+. Gucura intimba 2:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Haguruka! Anīra mw’ijoro, mu ntango y’amaterama+ yo mu gatondo.Suka umutima wawe+ nk’amazi imbere y’amaso+ ya Yehova.Duza ibiganza+ uvyerekeza kuri we kubera ubuzima bw’abana bawe,Bariko barabikwa n’ikigoyi mw’ihuriro ry’amabarabara yose+. Gucura intimba 4:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Amaboko y’abagore b’abanyempuhwe yatetse abana babo+.Babereye abantu nk’umukate w’uruhoza mu gihe c’ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+. Hoseya 9:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuko naho barera abana babo, nzobahekura ntihagire umuntu asigara+; kuko . . ., emwe, bazoba bigorewe ninabaheba+!
9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
11 Amaso yanje yarangiriye mu mosozi+. Amara yanje ariko aradobangana+.Igitigu canje casutswe hasi+, kubera ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+,Kubera abana be n’abonka barabiye mu bibanza vya bose vyo mu gisagara+.
19 Haguruka! Anīra mw’ijoro, mu ntango y’amaterama+ yo mu gatondo.Suka umutima wawe+ nk’amazi imbere y’amaso+ ya Yehova.Duza ibiganza+ uvyerekeza kuri we kubera ubuzima bw’abana bawe,Bariko barabikwa n’ikigoyi mw’ihuriro ry’amabarabara yose+.
10 Amaboko y’abagore b’abanyempuhwe yatetse abana babo+.Babereye abantu nk’umukate w’uruhoza mu gihe c’ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+.
12 Kuko naho barera abana babo, nzobahekura ntihagire umuntu asigara+; kuko . . ., emwe, bazoba bigorewe ninabaheba+!