9 Na we avuga ati: “Sinzobura kujana nawe. Ariko ubwiza ntibuzoba ubwawe ku nzira ujanye, kuko mu minwe y’umugore+ ari ho Yehova azogurisha Sisera.” Debora aca arahaguruka, ajana na Baraki i Kedeshi+.
21 None ni nde yishe Abimeleki+ mwene Yerubesheti+? Mbega umugore si we yamutereyeko ingasiro+ ari hejuru ku ruhome ku buryo apfira i Tebezi+? Kubera iki none vyabaye ngombwa ko mwegera cane uruhome?’, nawe uze uvuge uti: ‘Umusavyi wawe Uriya Umuheti na we nyene yarapfuye+.’”
22 Nya mugore, mu bukerebutsi bwiwe+, aca aja ku bantu bose, maze baca umutwe wa Sheba mwene Bikiri baraheza bawujugunyira Yowabu. Uno aca avuza inzamba+, gutyo barasanzara bavuye kuri nya gisagara, umwe wese aja i muhira iwe; Yowabu na we asubira i Yeruzalemu ku mwami.