ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 33:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ndakwinginze wakire ingabirano iserura umuhezagiro wanje wazaniwe+, kuko Imana yantonesheje kandi nkaba mfise ikintu cose+.” Nuko abandanya kumwinginga, ku buryo yakira+.

  • 1 Samweli 25:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Abigayili+ aca arihuta, afata imikate amajana abiri be n’imibindi mininiminini ibiri y’umuvinyu+ n’intama zitanu ziteguwe+, n’ingero za seya* zitanu z’intete zikaranze+ n’udutsima ijana tw’inzabibu zumye+ n’udutsima amajana abiri tw’insukoni zafyonzwe zikegerana+, abishira ku ndogobwa.

  • 1 Samweli 30:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Dawidi ashitse i Zikulagi, atora kw’isahu maze arungikira abagabo b’inararibonye ba Yuda, abakunzi biwe+, avuga ati: “Ng’iyo ingabirano+ y’umuhezagiro yanyu ivuye kw’isahu ry’abansi ba Yehova.”

  • 2 Abami 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze asubira kuri wa muntu w’Imana y’ukuri+, we hamwe n’ikambi yiwe yose; araza, ahagarara imbere yiwe araheza avuga ati: “Ehe ubu ndamenye koko yuko ata handi hantu hari Imana mw’isi atari muri Isirayeli+. None rero, ndakwinginze wemere ingabirano y’umuhezagiro+ ivuye ku musuku wawe.”

  • Imigani 18:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ingabirano y’umuntu izomutābururira inzira+, kandi izomuyobora imushikane n’imbere y’abantu bahambaye+.

  • Imigani 25:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Nimba uwukwanka ashonje, muhe umukate arye; kandi nimba anyotewe, muhe amazi anywe+.

  • Imigani 25:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kuko amakara ari yo uzoba uriko uramurunda ku mutwe+, kandi Yehova ubwiwe azoguhemba+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika