ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Uze wibuke Yehova Imana yawe, kuko ari we aguha ububasha bwo kurondera ubutunzi+; kugira ashitse isezerano ryiwe yarahiye ba sogokuruza bawe, nk’uko biri uyu musi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+.

  • 2 Ngoma 1:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 ubukerebutsi n’ubumenyi urabihawe+; nzoguha n’ubutunzi n’amatungo n’iteka ata bami bakwitangiye imbere bigeze bagira+, kandi ata n’umwe azoza mu nyuma zawe azogira+.”

  • Yobu 42:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nayo Yehova ahezagira+ iherezo rya Yobu mu nyuma kuruta intango yiwe+, ku buryo agira intama ibihumbi cumi na bine, n’ingamiya ibihumbi bitandatu, n’inka ibihumbi bibiri zifatanijwe ari zibirizibiri, be n’indogobwa igihumbi z’ingore.

  • Imigani 10:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha+, kandi nta mubabaro awongerako+.

  • 2 Abakorinto 9:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Muri vyose muriko muratungishwa kubera ubutanzi bwa cane bw’ubwoko bwose, biciye kuri twebwe bukaba buzana ugukengurukira Imana+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika