ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 19:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “‘Ntimukibe+, ntimugahendane+, kandi ntimugakoreshe ikinyoma umwe wese kuri mugenziwe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 18:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “‘Ariko umuhanuzi yihaye kuvuga mw’izina ryanje ijambo ntamutegetse kuvuga+ canke akavuga mw’izina ry’izindi mana+, uyo muhanuzi ategerezwa gupfa+.

  • Yeremiya 29:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 “Tuma ku bajanywe mu bunyagano bose+ uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze kuri Shemaya w’i Nehelamu: “Ko Shemaya yababwiye ubuhanuzi, kandi jewe ntamutumye, akagerageza kubizigiza ikinyoma+,

  • Ezekiyeli 13:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ukuboko kwanje kuje kurwanya abahanuzi berekwa ivy’ububeshi, bakaragura ivy’ikinyoma+. Ntibazobandanya kuba mu mugwi w’abagenzi somambike+ w’abantu banje, kandi ntibazokwandikwa mu gitabu c’inzu ya Isirayeli+, kandi ntibazoza ku butaka bwa Isirayeli+ kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Umukama Segaba Yehova+,

  • Matayo 7:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma+ baza kuri mwebwe bambaye nk’intama+ mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara+.

  • 2 Petero 2:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka.

  • 1 Yohani 4:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Bakundwa, ntimwemere ijambo ry’irihumekano ryose+, mugabo mugeze amajambo y’amahumekano murabe ko akomoka ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika