7 Biciye kandi kuri Yehu mwene Hanani umuhanuzi, ijambo rya Yehova ryari ryaziye Bayasha n’inzu yiwe+, kubera ikibi cose yakoze mu maso ya Yehova mu kumubabarisha+ igikorwa c’amaboko yiwe+, kugira ngo icike nk’inzu ya Yerobowamu, no kubera yuko yagaritse Nadabu+.