43 Aguma agendera mu nzira yose ya Asa se wiwe. Ntiyakevya ngo ayivemwo, akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+. Gusa, ibibanza bikirurutse ntivyazimangana. Abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+.
3 Maze Salomo ari kumwe n’ishengero ryose baja ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+; kuko ng’aho ari ho hari ihema ry’ihuriro+ ry’Imana y’ukuri, iryo Musa umusavyi+ wa Yehova yari yarakoreye mu gahinga.