ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 7:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nuko Samweli afata umwagazi w’intama wonka, awushikanira Yehova bwa shikanwa riturirwa, ishikanwa ritangwa uko ryakabaye+; maze Samweli atangura gutabaza Yehova ku bwa Isirayeli+, Yehova na we aramwishura+.

  • 1 Samweli 10:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kandi uze unyitangire imbere umanuke i Gilugali+; ehe nzomanuka nze aho uri gushikana ibimazi biturirwa, guhereza ibimazi vy’ugusangira+. Uze ugume urindiriye imisi indwi+ gushika nje aho uri, nanje nzokumenyesha koko ico ukwiye gukora.”

  • 1 Abami 15:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo ntiyakuraho+ ibibanza bikirurutse+. Naho vyari ukwo, umutima wa Asa uba uwukwiye kuri Yehova mu misi yiwe yose+.

  • 1 Abami 22:43
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 Aguma agendera mu nzira yose ya Asa se wiwe. Ntiyakevya ngo ayivemwo, akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+. Gusa, ibibanza bikirurutse ntivyazimangana. Abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+.

  • 1 Ngoma 21:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, araheza atangura kwambaza Yehova+, na we amwishura akoresheje umuriro+ uvuye mu majuru, uza kuri nya gicaniro c’ishikanwa riturirwa.

  • 2 Ngoma 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze Salomo ari kumwe n’ishengero ryose baja ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+; kuko ng’aho ari ho hari ihema ry’ihuriro+ ry’Imana y’ukuri, iryo Musa umusavyi+ wa Yehova yari yarakoreye mu gahinga.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika