4 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada+ atuma kuzana abakuru b’amajana b’inteko z’Abanyakariya+ zijejwe gucungera ubuzima, n’abakuru b’abirutsi+, maze abazana aho ari mu nzu ya Yehova, araheza agirana isezerano+ na bo yongera arabarahiza+ mu nzu ya Yehova, hanyuma abereka umuhungu w’umwami.