10 Ico gihe Zeba na Zalumuna+ bari i Karukori, bari kumwe n’amakambi yabo, abantu nk’ibihumbi cumi na bitanu bakaba ari bo bonyene bari basigaye mu bari bagize ikambi yose y’Abanyabuseruko+; abari bamaze kugwa bari abagabo ibihumbi ijana na mirongo ibiri barwanisha inkota+.