ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 18:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “‘Ubwambure bw’umugore n’umukobwa wiwe ntuze ubupfukure+. Umukobwa w’umuhungu wiwe be n’umukobwa w’umukobwa wiwe ntuze umutware ngo upfukure ubwambure bwiwe. Abo ni incuti z’amaraso. Ivyo ni ubushirasoni*+.

  • Abacamanza 20:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Naciye rero mfata incoreke yanje, ndayihimbagura, maze ndayirungika mu turere twose tw’intoranwa ya Isirayeli+, kuko bari bakoze ubushirasoni*+ n’ubusazi bw’agaterasoni muri Isirayeli+.

  • Zaburi 26:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Abo mu maboko yabo hari ubushirasoni*+,

      Ukuryo kwabo na kwo kukaba kwuzuye ibiturire+.

  • Imigani 10:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Ku kijuju, gukora ivy’ubushirasoni* ni nk’ibikino+, ariko ubukerebutsi ni ubw’umuntu afise ugutahura+.

  • Imigani 21:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi+. Hari akantu iyo umuntu akizanye kiri kumwe n’ubushirasoni+!

  • Abagalatiya 5:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi ibikorwa vy’umubiri biribonekeza+, bikaba ari ubusambanyi+, ubuhumane, ubushirasoni*+,

  • 2 Petero 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ikigeretseko, benshi bazokurikira+ ibikorwa vyabo vy’ubushirasoni*+, kandi inzira y’ukuri izotukwa+ kubera bo.

  • Yuda 4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Impamvu mfise ni uko hari abantu bamwebamwe bisobetse muri twebwe+ bagenewe+ urwo rubanza+ kera n’Ivyanditswe, abantu batibanga Imana+, bahindura ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana yacu icitwazo c’ubushirasoni*+ kandi bakihakana+ umwe Databuja+ wacu rudende, akaba n’Umukama+, Yezu Kristu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika