ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nehemiya 6:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Abansi bacu+ bose bakimara kuvyumva n’amahanga yose yari irya n’ino yacu akabibona, baca barajonjogora mu maso yabo, maze bamenya ko ico gikorwa cari cakozwe bivuye ku Mana yacu+.

  • Esiteri 6:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Maze Hamani yiganira Zereshi+ umugore wiwe n’abagenzi biwe bose ibintu vyose vyari vyamushikiye. Abantu biwe b’inkerebutsi+ na Zereshi umugore wiwe baca bamubwira bati: “Nimba Morudekayi, uwo watanguye kwikubita imbere, ari uwo mu ruvyaro rw’Abayuda, ntuzomunesha, ahubwo uzogwa imbere yiwe ata kabuza+.”

  • Esiteri 9:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Nuko Abayuda baririka abansi babo bose babasasikisha inkota+, barabica, barabatikiza; ababanka babagira uko bagomba+.

  • Yesaya 37:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Kuko ukunshavurira kwawe+ n’ukuroha kwawe vyaduze bigashika mu matwi yanje+.

      Ata gukeka nzoshira ingobe yanje mu zuru ryawe n’imijiginya hagati y’iminwa yawe+,

      Nzogusubiza inyuma koko ngucishije mu nzira wazananye+.”

  • Zakariya 12:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuri uwo musi+ Yeruzalemu nzoyigira ibuye riremera+ ibisata vy’abantu vyose. Abazoriterura bose ntibazobura gukobagurika bikomeye; kandi amahanga yose yo kw’isi azokorana kugira ayirwanye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika