ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 13:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Mugabo umugore wiwe amubwira ati: “Iyaba Yehova yagomba gusa kutwica, ntaba yemeye ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’intete dutanze+, kandi ntaba yatweretse ibi bintu vyose, eka kandi ubu ntaba yatwumvishije ikintu na kimwe nk’iki+.”

  • 1 Samweli 25:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kandi ivyo ntibitume uhungabana canke ngo bibere igitsitaza umutima w’umukama wanje, mu gusesa amaraso ata mvo+ no mu gutuma ukuboko kw’umukama wanje gushitsa ubukiriro bwiwe+. Yehova ntazobura kugirira ineza umukama wanje, nawe uze wibuke+ umushumbakazi wawe.”

  • 2 Samweli 20:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nuko umugore umwe w’inkerebutsi+ atangura guhamagara ari mu gisagara ati: “Nimwumvirize, nimwumvirize! Ndabinginze mubwire Yowabu muti: ‘Egera gushika hano, mpeze mvugane nawe.’”

  • Esiteri 5:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nimba ngize ubutoni mu maso y’umwami+ kandi nimba umwami abona ko ari vyiza kumpa ico ngomba akongera akagira nk’uko ndamusavye, umwami na Hamani bazoze ku nzimano nzobatereka ejo, maze ejo nzogira nk’uko umwami avuze+.”

  • Zaburi 68:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Yehova ubwiwe aravuga ijambo+;

      Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi+.

  • Imigani 31:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Amajambo ya Lemuweli umwami, ubutumwa buremereye+ nyina yamuhaye mu kumukosora+:

  • Ivyakozwe 18:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Nuko uwo mugabo atangura kuvugana ubutinyutsi mw’isinagogi. Aho Pirisila na Akwila+ bamwumviye, baramujana baramusigurira neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta.

  • Tito 2:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 N’abatamakazi+ nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi+ canke abaja b’umuvinyu mwinshi, babe abigisha b’ivyiza;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika