Abacamanza 13:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Mugabo umugore wiwe amubwira ati: “Iyaba Yehova yagomba gusa kutwica, ntaba yemeye ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’intete dutanze+, kandi ntaba yatweretse ibi bintu vyose, eka kandi ubu ntaba yatwumvishije ikintu na kimwe nk’iki+.” 1 Samweli 25:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Kandi ivyo ntibitume uhungabana canke ngo bibere igitsitaza umutima w’umukama wanje, mu gusesa amaraso ata mvo+ no mu gutuma ukuboko kw’umukama wanje gushitsa ubukiriro bwiwe+. Yehova ntazobura kugirira ineza umukama wanje, nawe uze wibuke+ umushumbakazi wawe.” 2 Samweli 20:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Nuko umugore umwe w’inkerebutsi+ atangura guhamagara ari mu gisagara ati: “Nimwumvirize, nimwumvirize! Ndabinginze mubwire Yowabu muti: ‘Egera gushika hano, mpeze mvugane nawe.’” Esiteri 5:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nimba ngize ubutoni mu maso y’umwami+ kandi nimba umwami abona ko ari vyiza kumpa ico ngomba akongera akagira nk’uko ndamusavye, umwami na Hamani bazoze ku nzimano nzobatereka ejo, maze ejo nzogira nk’uko umwami avuze+.” Zaburi 68:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Yehova ubwiwe aravuga ijambo+;Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi+. Imigani 31:1 Bibiliya y’isi nshasha 31 Amajambo ya Lemuweli umwami, ubutumwa buremereye+ nyina yamuhaye mu kumukosora+: Ivyakozwe 18:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Nuko uwo mugabo atangura kuvugana ubutinyutsi mw’isinagogi. Aho Pirisila na Akwila+ bamwumviye, baramujana baramusigurira neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta. Tito 2:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 N’abatamakazi+ nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi+ canke abaja b’umuvinyu mwinshi, babe abigisha b’ivyiza;
23 Mugabo umugore wiwe amubwira ati: “Iyaba Yehova yagomba gusa kutwica, ntaba yemeye ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’intete dutanze+, kandi ntaba yatweretse ibi bintu vyose, eka kandi ubu ntaba yatwumvishije ikintu na kimwe nk’iki+.”
31 Kandi ivyo ntibitume uhungabana canke ngo bibere igitsitaza umutima w’umukama wanje, mu gusesa amaraso ata mvo+ no mu gutuma ukuboko kw’umukama wanje gushitsa ubukiriro bwiwe+. Yehova ntazobura kugirira ineza umukama wanje, nawe uze wibuke+ umushumbakazi wawe.”
16 Nuko umugore umwe w’inkerebutsi+ atangura guhamagara ari mu gisagara ati: “Nimwumvirize, nimwumvirize! Ndabinginze mubwire Yowabu muti: ‘Egera gushika hano, mpeze mvugane nawe.’”
8 Nimba ngize ubutoni mu maso y’umwami+ kandi nimba umwami abona ko ari vyiza kumpa ico ngomba akongera akagira nk’uko ndamusavye, umwami na Hamani bazoze ku nzimano nzobatereka ejo, maze ejo nzogira nk’uko umwami avuze+.”
26 Nuko uwo mugabo atangura kuvugana ubutinyutsi mw’isinagogi. Aho Pirisila na Akwila+ bamwumviye, baramujana baramusigurira neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta.
3 N’abatamakazi+ nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi+ canke abaja b’umuvinyu mwinshi, babe abigisha b’ivyiza;