3 Ariko Zerubabeli na Yeshuwa+ n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru ba Isirayeli basigaye bababwira bati: “Nta co muhuriyeko natwe ku bijanye no kwubakira inzu Imana yacu+, kuko twebwe ubwacu tuzokwubakira Yehova Imana ya Isirayeli turi hamwe, nk’uko nyene Umwami Kuro+ umwami w’Ubuperesi yadutegetse.”
2 Ico gihe ni ho Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ na Yeshuwa+ mwene Yehozadaki bahaguruka bagatangura gusubira kwubaka inzu y’Imana yari i Yeruzalemu; bari kumwe n’abahanuzi b’Imana+ babafasha.