ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezira 4:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ariko Zerubabeli na Yeshuwa+ n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru ba Isirayeli basigaye bababwira bati: “Nta co muhuriyeko natwe ku bijanye no kwubakira inzu Imana yacu+, kuko twebwe ubwacu tuzokwubakira Yehova Imana ya Isirayeli turi hamwe, nk’uko nyene Umwami Kuro+ umwami w’Ubuperesi yadutegetse.”

  • Ezira 5:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ico gihe ni ho Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ na Yeshuwa+ mwene Yehozadaki bahaguruka bagatangura gusubira kwubaka inzu y’Imana yari i Yeruzalemu; bari kumwe n’abahanuzi b’Imana+ babafasha.

  • Yesaya 32:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Raba! Umwami+ azoganza ku bw’ubugororotsi+; nayo abaganwa+, bazotwara nk’abaganwa ku bw’ubutungane.

  • Yesaya 51:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kawe+, kandi nzogupfukisha koko igitutu c’ukuboko kwanje+, kugira ngo ntere amajuru+, nshinge umushinge w’isi+, mbwire Siyoni nti: ‘Uri igisata canje+.’

  • Luka 12:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 “Ntimutinye+, mwa busho buto+, kuko So yashimye kubaha ubwami+.

  • Abaroma 8:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kuko ivyaremwe vyatanzwe ngo biganzwe n’ukutagira ikimazi+, atari ku kugomba kwavyo bwite mugabo biciye ku wabitanze, hishimikijwe icizigiro+

  • Ivyahishuwe 14:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Maze ngize ntya, mbona Umwagazi w’intama+ ahagaze ku Musozi Siyoni+, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine+ bafise izina ryiwe n’izina rya Se+ wiwe yanditswe ku ruhanga rwabo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika