ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 24:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yehoyakini+ yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Nehushita umukobwa wa Elinatani w’i Yeruzalemu.

  • 2 Ngoma 36:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Yehoyakini+ yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu+ n’imisi cumi aganza i Yeruzalemu; abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+.

  • Yeremiya 22:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘naho wewe Koniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami wa Yuda, woba uri impeta y’ikidodo+ ku kuboko kwanje kw’iburyo, nohagushikura+!

  • Yeremiya 27:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 ivyo Nebukadinezari umwami wa Babiloni atajanye igihe yatwara Yekoniya+ mwene Yehoyakimu, umwami wa Yuda, mu bunyagano i Babiloni amukuye i Yeruzalemu, ari kumwe n’abanyacubahiro bose ba Yuda n’aba Yeruzalemu+;

  • Yeremiya 28:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “‘Kandi Yekoniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami wa Yuda, n’abagizwe inyagano bose ba Yuda bashitse i Babiloni+, ngira ndabagarukane aha hantu,’ ni ko Yehova avuze, ‘kuko nzovuna ingǒgo+ y’umwami wa Babiloni.’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika