Itanguriro 1:1 Bibiliya y’isi nshasha 1 Mu ntango+ Imana+ yaremye+ amajuru n’isi+. Yobu 38:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Wari hehe igihe nashinga isi+?Mbwira, nimba koko ufise ugutahura. Zaburi 89:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ijuru ni rwawe+, n’isi nyene ni rwawe+;Ubutaka bwimbuka n’ibibwuzuye+, ni wewe wabishinze+. Yesaya 40:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Mbega nta vyo wamenye, canke nta vyo wumvise+? Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero+. Ntaruha canke ngo arambirwe+. Ugutegera kwiwe ntiguserangurwa+. Yeremiya 51:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ni we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe+, Umwe yashimangira ubutaka bwimbuka+ akoresheje ubukerebutsi bwiwe+, Umwe yagaranzura amajuru+ akoresheje ugutegera kwiwe+. Ivyakozwe 14:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 bati: “Bagabo, kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu+ bafise utunenge+ nkamwe, tukaba turiko tubamenyesha inkuru nziza, kugira ngo muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi+ muje ku Mana nzima+, iyakoze ijuru+ n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose. Ivyahishuwe 4:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa+ n’iteka+ n’ububasha+, kubera ko waremye vyose+, kandi kubera ukugomba kwawe+ vyarabayeho, biraremwa+.”
28 Mbega nta vyo wamenye, canke nta vyo wumvise+? Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero+. Ntaruha canke ngo arambirwe+. Ugutegera kwiwe ntiguserangurwa+.
15 Ni we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe+, Umwe yashimangira ubutaka bwimbuka+ akoresheje ubukerebutsi bwiwe+, Umwe yagaranzura amajuru+ akoresheje ugutegera kwiwe+.
15 bati: “Bagabo, kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu+ bafise utunenge+ nkamwe, tukaba turiko tubamenyesha inkuru nziza, kugira ngo muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi+ muje ku Mana nzima+, iyakoze ijuru+ n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose.
11 “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa+ n’iteka+ n’ububasha+, kubera ko waremye vyose+, kandi kubera ukugomba kwawe+ vyarabayeho, biraremwa+.”