ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Iramvura amajuru iri yonyene+

      Igatambukira ku mipfunda y’ikiyaga igereza hejuru+;

  • Zaburi 104:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Witwikira umuco nk’impuzu+,

      Uramvura amajuru nk’igitambara c’ihema+,

  • Zaburi 136:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Umwe yahingurana amajuru ugutegera+:

      Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;

  • Yesaya 40:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Hariho Umwe yibera hejuru y’umuzingi w’isi+, ababa muri yo bakaba ari nk’uduhori, Umwe aramvura amajuru nk’igitambara gihwahutse kinoze, akayasanza nk’ihema ryo kubamwo+,

  • Yesaya 42:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ibi ni vyo Imana y’ukuri, Yehova, ivuze, Umuremyi w’amajuru+ akaba n’Umwe ahambaye ayaramvura+, Umwe asasa isi+ n’umwimbu wayo+, Umwe aha impemu+ abantu bo kuri yo+, agaha n’impwemu abagendagenda kuri yo+:

  • Yesaya 45:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Jewe narakoze isi+, ndarema n’umuntu kuri yo+. Jewe—amaboko yanje ni yo yaramvuye amajuru+, kandi nategetse ingabo zayo zose+.”

  • Zakariya 12:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ijambo ryamenyeshejwe: “Ijambo rya Yehova ryerekeye Isirayeli,” ni ko Yehova avuze, Umwe aramvura amajuru+, agashinga umushinge w’isi+ kandi akarema impwemu+ y’umuntu muri we.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika