ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;

  • Kuvayo 34:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko udakwiye gukubitira inkoro hasi iyindi mana+, kuko Yehova, uwo izina ryiwe ari Munyeshari, ari Imana y’ishari+;

  • Gusubira mu vyagezwe 4:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Kuko Yehova Imana yawe ari umuriro uyigiza+, Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+.

  • Gusubira mu vyagezwe 6:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 (kuko Yehova Imana yawe, uwuri hagati yawe, ari Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+,) ngo ishavu rya Yehova Imana yawe ntirihave rikururumbira+, akakuzimanganya ku buringanire bw’ubutaka+.

  • Yosuwa 24:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Maze Yosuwa abwira abantu ati: “Ntimushobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+; ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Ntazoharira ukugarariza kwanyu n’ibicumuro vyanyu+.

  • Yesaya 59:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nuko yambara ubugororotsi nk’ikoti y’ivyuma+, n’inkofero y’ubukiriro ku mutwe wiwe+. Vyongeye, yambara nk’ivyambarwa impuzu z’ukwihora+, yitwikira umwete nk’umwitero utagira amaboko+.

  • Ezekiyeli 39:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu ni ho nzogarukana imbohe za Yakobo+ kandi nkagirira vy’ukuri imbabazi inzu ya Isirayeli yose+; kandi nzorwanira ubweranda bw’izina ryanje*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika