Kuvayo 20:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+; Kuvayo 34:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuko udakwiye gukubitira inkoro hasi iyindi mana+, kuko Yehova, uwo izina ryiwe ari Munyeshari, ari Imana y’ishari+; Gusubira mu vyagezwe 4:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Kuko Yehova Imana yawe ari umuriro uyigiza+, Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Gusubira mu vyagezwe 6:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 (kuko Yehova Imana yawe, uwuri hagati yawe, ari Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+,) ngo ishavu rya Yehova Imana yawe ntirihave rikururumbira+, akakuzimanganya ku buringanire bw’ubutaka+. Yosuwa 24:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Maze Yosuwa abwira abantu ati: “Ntimushobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+; ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Ntazoharira ukugarariza kwanyu n’ibicumuro vyanyu+. Yesaya 59:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nuko yambara ubugororotsi nk’ikoti y’ivyuma+, n’inkofero y’ubukiriro ku mutwe wiwe+. Vyongeye, yambara nk’ivyambarwa impuzu z’ukwihora+, yitwikira umwete nk’umwitero utagira amaboko+. Ezekiyeli 39:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu ni ho nzogarukana imbohe za Yakobo+ kandi nkagirira vy’ukuri imbabazi inzu ya Isirayeli yose+; kandi nzorwanira ubweranda bw’izina ryanje*+.
5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
14 Kuko udakwiye gukubitira inkoro hasi iyindi mana+, kuko Yehova, uwo izina ryiwe ari Munyeshari, ari Imana y’ishari+;
15 (kuko Yehova Imana yawe, uwuri hagati yawe, ari Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+,) ngo ishavu rya Yehova Imana yawe ntirihave rikururumbira+, akakuzimanganya ku buringanire bw’ubutaka+.
19 Maze Yosuwa abwira abantu ati: “Ntimushobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+; ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Ntazoharira ukugarariza kwanyu n’ibicumuro vyanyu+.
17 Nuko yambara ubugororotsi nk’ikoti y’ivyuma+, n’inkofero y’ubukiriro ku mutwe wiwe+. Vyongeye, yambara nk’ivyambarwa impuzu z’ukwihora+, yitwikira umwete nk’umwitero utagira amaboko+.
25 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu ni ho nzogarukana imbohe za Yakobo+ kandi nkagirira vy’ukuri imbabazi inzu ya Isirayeli yose+; kandi nzorwanira ubweranda bw’izina ryanje*+.