ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 5:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Vy’ukuri, abahanuzi bavuga ubuhanuzi mu kinyoma+; nayo abaherezi, bakandamiza abantu bisunze ububasha bwabo+. Kandi abantu banje bakunze ko biba gutyo+; none muzogira mute kw’iherezo ryavyo+?”

  • Yeremiya 23:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “Kuko umuhanuzi n’umuherezi bompi bahumanye+. No mu nzu yanje nasanzeyo ububi bwabo+,” ni ko Yehova avuze.

  • Ezekiyeli 22:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Abaherezi baco bagiriye ivy’ubukazi itegeko ryanje+, kandi baguma bahumanya ibibanza vyanje vyeranda+. Ntibashize itandukaniro+ hagati y’ikintu ceranda n’igisanzwe+, kandi nta tandukaniro bamenyesheje hagati y’igihumanye n’ikidahumanye+, kandi bahishije amaso yabo amasabato yanje+, ndahumanywa hagati muri bo+.

  • Hoseya 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Abantu banje bazonumishwa koko, kuko ata bumenyi buhari+. Ko wewe wataye ubumenyi+, nanje nzoguta ntiwongere kumbera umuherezi+; ko uguma wibagira itegeko ry’Imana yawe+, nanje rero nzokwibagira abana bawe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika