28 Maze bakura Yezu kwa Kayifa bamujana ku kirimba ca buramatari+. Hari hakiri kare mu gatondo. Mugabo bobo ntibinjiye mu kirimba ca buramatari, ngo ntibahumane+, bashobore kurya pasika.
13 Imana ya Aburahamu n’iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaninahaje+ Umusavyi+ wayo Yezu, uwo mwebwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, mu gihe yari yafashe ingingo yo kumurekura+.