Yesaya 53:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+. Matayo 9:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Bamwebamwe mu banditsi baca bibwira bati: “Uyu muntu ariko ararogota+.” Mariko 2:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Ni nde ashoboye kubabarira ibicumuro atari umwe, ari we Mana+?” Luka 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuri ivyo, abanditsi n’Abafarizayo batangura kwiyumvira, bavuga bati: “Ni nde uyo avuga ibirogotano+? Ni nde ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana yonyene+?”
3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+.
7 “Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Ni nde ashoboye kubabarira ibicumuro atari umwe, ari we Mana+?”
21 Kuri ivyo, abanditsi n’Abafarizayo batangura kwiyumvira, bavuga bati: “Ni nde uyo avuga ibirogotano+? Ni nde ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana yonyene+?”