ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 22:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Ntimuze muhumanye izina ryanje ryeranda+, kandi ntegerezwa kwezwa hagati muri bene Isirayeli+. Ndi Yehova uwuriko arabeza+,

  • Gusubira mu vyagezwe 32:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Kuko ngira menyeshe izina rya Yehova+.

      Nimwemere ko ubukuru ari ubw’Imana yacu+!

  • Zaburi 145:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Akanwa kanje kazovuga ishemezo rya Yehova+;

      Ikiri n’umubiri cose nigihezagire izina ryiwe ryeranda gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.

  • Yesaya 5:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kandi Yehova nyen’ingabo azoja hejuru biciye ku rubanza+, kandi Imana y’ukuri, wa Mweranda+, ntizobura kwiyeza biciye ku bugororotsi+.

  • Yesaya 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yehova nyen’ingabo—uyo ni we mukwiye kubona ko ari mweranda+, ni we mukwiye gutinya+, kandi ni we akwiye kubajugumiza+.”

  • Yesaya 29:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 kuko niyabona abana biwe, igikorwa c’amaboko yanje, hagati muri we+, bazokweza izina ryanje+, kandi ntibazobura kweza Umweranda wa Yakobo+, kandi Imana ya Isirayeli bazoyigirira akoba+.

  • Ezekiyeli 36:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 ‘Kandi sinzobura kweza izina ryanje rihambaye+ ryariko rihumanywa mu mahanga, iryo mwahumanije hagati muri yo; kandi amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ninezwa muri mwebwe mu maso yabo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika