Ku muyobozi, kuri Gititi+. Ni izaburi ya Asafu.
81 Nimwihe akamo k’umunezero, mukerekeza ku Mana yo nkomezi zacu+;
Nimwihe akaruru k’intsinzi, mukerekeza ku Mana ya Yakobo+.
2 Nimwahuke agahibongozo+, mufate akagoma+,
Inanga ihimbaye kumwe n’igicurarangisho c’imirya+.
3 Ku mboneko y’ukwezi, muvuze inzamba+;
Ku kwezi kw’igisyo, ku bw’umusi w’umusi mukuru wacu+.
4 Kuko ari ingingo nyobozi kuri Isirayeli+,
Ingingo y’ubutungane y’Imana ya Yakobo.
5 Yayishingiye Yozefu bwa cibutsa+,
Igihe yaca hejuru y’igihugu ca Misiri+.
Naguma numva ururimi ntari nzi+.
6 “Nigijeyo urutugu rwiwe ndarukiza umuzigo+;
Amaboko yiwe yakuwe ku gisimbo+.
7 Mu marushwa warahamagaye, nanje ndagutabara+;
Natanguye kukwishurira ahantu hihishije h’umuturagaro+.
Naragusuzumye kuri ya mazi y’i Meriba+. Sela.
8 Nimwumve, emwe bantu banje, nanje nshinge intahe ibagiriza+,
Ewe Isirayeli, nimba unyumviriza+.
9 Muri wewe ntihazoba imana y’ahandi+;
Kandi ntuzokwunamira imana y’inyamahanga+.
10 Jewe Yehova ndi Imana yawe+,
Umwe yakudugana agukuye mu gihugu ca Misiri+.
Taburura akanwa, nanje ndakuzuze+.
11 Mugabo abantu banje ntibumvirije ijwi ryanje+;
Kandi Isirayeli ntiyanyeretse na gato umutima ukunze+.
12 Nuko ndabareka bagendera mu kagagazo k’umutima wabo+;
Bagendeye mu nama zabo bwite+.
13 Yoo! ese iyo abantu banje banyumviriza+!
Yoo! ese iyo Isirayeli igendera mu nzira zanje+!
14 Abansi babo nobamaze igabo bitagoranye+,
Abarwanizi babo na bo nkabahindukirizako ukuboko kwanje+.
15 Nayo abanka Yehova urunuka, bazoza kuri we bahinda agashitsi+,
Kandi igihe cabo kizoba ico gushika igihe kitagira urugero.
16 Azoguma amugaburira ku kinure c’ingano+,
Kandi nzoguhaza ubuki buvuye mu gitandara+.”