Kuvayo
11 Hanyuma Yehova abwira Musa ati: “Ngira nzane ikindi cago kimwe kuri Farawo na Misiri. Inyuma y’ivyo azobarekura muve ng’aha+. Niyabarekura mwese hamwe, azobirukana bubirukane muve ng’aha+. 2 Vugira mu matwi y’abantu rero basabe, umugabo wese mugenziwe n’umugore wese mugenziwe, ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu+.” 3 Nuko Yehova aha abantu kugira ubutoni mu maso y’Abanyamisiri+. Vyongeye uyo mugabo Musa yari ahambaye cane mu gihugu ca Misiri, mu maso y’abasavyi ba Farawo no mu maso y’abantu+.
4 Hanyuma Musa yongera kuvuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nko mu gicugu ndasohoka nje hagati mu Misiri+, 5 kandi imfura yose+ yo mu gihugu ca Misiri itegerezwa gupfa, uhereye ku mfura ya Farawo yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe ugashika ku mfura y’umusukukazi ari ku rusyo rw’amaboko, n’ic’uburiza cose c’igikoko+. 6 Kandi, hazoba koko amaborogo akomeye mu gihugu cose ca Misiri ata yameze nka yo arigera abaho, kandi ata yameze nka yo azigera yongera kuhaba+. 7 Ariko nta n’umwe muri bene Isirayeli imbwa izozungagiriza ururimi yarakaye, kuva ku muntu gushika ku gikoko+; kugira mumenye yuko Yehova ashoboye kwerekana ubudasa hagati y’Abanyamisiri na bene Isirayeli+.’ 8 Kandi aba basavyi bawe bose bazomanuka koko aho ndi bakubite inkoro hasi imbere yanje+, bavuga bati: ‘Genda, wewe n’abantu bose bagukurikira*.’ Inyuma y’ivyo nanje nzosohoka.” Nuko arasohoka, ava kwa Farawo yarunguriye n’ishavu.
9 Maze Yehova abwira Musa ati: “Farawo ntazobumviriza+, kugira ngo ibitangaro vyanje vyongerekane mu gihugu ca Misiri+.” 10 Nuko Musa na Aroni bakorera ivyo bitangaro vyose imbere ya Farawo+. Mugabo Yehova yarareka umutima wa Farawo ugacika intabarirwa, ku buryo atarekura bene Isirayeli ngo bave mu gihugu ciwe+.