ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 4:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Niwamara gusubira mu Misiri, uze witwararike gukorera imbere ya Farawo vya bitangaro vyose nashira mu kuboko kwawe+. Nayo jewe, nzoreka umutima wiwe ucike intabarirwa+; kandi ntazorekura abantu banje+.

  • Kuvayo 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.

  • Kuvayo 10:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ariko Yehova arareka umutima wa Farawo ucika intabarirwa+, ntiyarekura bene Isirayeli.

  • 1 Samweli 6:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nakare, kubera iki mwokomantaza umutima nk’uko Misiri na Farawo bakomantaje umutima+? Mbega ikimara kubamerera nabi+ si ho baciye babarungika bakigira+?

  • Yesaya 26:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Naho umubisha yogirirwa ubutoni, ntazogenda yize ubugororotsi+. Mu gihugu c’ukugororoka azokora ivy’akarenganyo+, kandi ntazobona ubukuru bwa Yehova+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika