Kuvayo 4:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Niwamara gusubira mu Misiri, uze witwararike gukorera imbere ya Farawo vya bitangaro vyose nashira mu kuboko kwawe+. Nayo jewe, nzoreka umutima wiwe ucike intabarirwa+; kandi ntazorekura abantu banje+. Kuvayo 9:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+. Kuvayo 10:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Ariko Yehova arareka umutima wa Farawo ucika intabarirwa+, ntiyarekura bene Isirayeli. 1 Samweli 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nakare, kubera iki mwokomantaza umutima nk’uko Misiri na Farawo bakomantaje umutima+? Mbega ikimara kubamerera nabi+ si ho baciye babarungika bakigira+? Yesaya 26:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Naho umubisha yogirirwa ubutoni, ntazogenda yize ubugororotsi+. Mu gihugu c’ukugororoka azokora ivy’akarenganyo+, kandi ntazobona ubukuru bwa Yehova+.
21 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Niwamara gusubira mu Misiri, uze witwararike gukorera imbere ya Farawo vya bitangaro vyose nashira mu kuboko kwawe+. Nayo jewe, nzoreka umutima wiwe ucike intabarirwa+; kandi ntazorekura abantu banje+.
16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.
6 Nakare, kubera iki mwokomantaza umutima nk’uko Misiri na Farawo bakomantaje umutima+? Mbega ikimara kubamerera nabi+ si ho baciye babarungika bakigira+?
10 Naho umubisha yogirirwa ubutoni, ntazogenda yize ubugororotsi+. Mu gihugu c’ukugororoka azokora ivy’akarenganyo+, kandi ntazobona ubukuru bwa Yehova+.