Zaburi
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. Ururirimbo.
2 Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe+.
3 Ibintu vy’ikosa vyandushije inkomezi+.
Nayo ibigabitanyo vyacu, wewe ubwawe uzobipfuka+.
4 Hahiriwe uwo utora ukamwiyegereza+,
Ngo yibere mu bigo vyawe+.
Ntituzobura guhazwa n’ukumera neza kw’inzu yawe+,
Ahantu heranda h’urusengero rwawe+.
5 Uzotwishura ukoresheje ibintu biteye ubwoba, mu bugororotsi+,
Ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,
Mizero y’imipaka yose y’isi n’abari kure ku kiyaga+.
8 Ababa iyo catawe bazotinya ibimenyetso vyawe+;
Utuma uguturuka kw’igitondo n’ukw’umugoroba vyiha akamo k’umunezero+.
9 Witayeho isi, kugira ngo uyihe umukimba+;
Urayitungisha cane.
Umugezi uva ku Mana wuzuye amazi+.
Utegura intete zabo+,
Kuko ukwo ari ko utegura isi+.