Abacamanza
2 Maze umumarayika wa Yehova+ ava i Gilugali+ aja i Bokimu, abwira Abisirayeli ati: «Narabakuye mu Misiri, ndabazana mu gihugu narahiye ko nzoha ba sokuruza banyu+. Kandi navuze nti: “Sinzokwigera ndenga kw’isezerano nagiranye namwe+. 2 Na mwebwe ntimuze mugirane isezerano n’ababa muri iki gihugu+ kandi muze musiturire hasi ibicaniro vyabo+.” Mugabo ntimwanyumviye+. Ivyo mwabikoreye iki? 3 Ni co gituma navuze kandi nti: “Sinzobomora ngo bababise+. Bazobabera umutego+, babakwegakwege ngo musenge imana zabo+.”»
4 Umumarayika wa Yehova akimara kubwira ayo majambo Abisirayeli bose, abantu baca bararira baraboroga. 5 Aho hantu baca bahita Bokimu*. Maze bahashikanira Yehova ibimazi.
6 Yosuwa amaze kurungika abantu, Umwisirayeli wese yaciye aja aho yatoranye kugira ngo ahigarurire+. 7 Abantu rero baguma bakorera Yehova mu gihe cose Yosuwa yamaze akiriho no mu gihe c’abashingantahe babandanije kubaho amaze gupfa. Abo bashingantahe bari barabonye ibintu vyose bikomeye Yehova yakoreye Abisirayeli+. 8 Maze Yosuwa mwene Nuni umusavyi wa Yehova arapfa. Yari afise imyaka 110+. 9 Bamuhamba mu gisagara yatoranye, ari co Timunati-Heresi+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gashi+. 10 Abo mu gihe ca Yosuwa bose* barapfa*, maze inyuma yabo haruka abandi batari bazi Yehova n’ivyo yakoreye Isirayeli.
11 Abisirayeli rero bakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, basenga* na za Bayali+. 12 Nuko baheba Yehova Imana ya ba sekuruza yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+. Bakurikira izindi mana, imana z’amahanga yari abakikuje+. Barazunamira, bababaza Yehova+. 13 Barahevye Yehova, batangura gusenga* Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti+. 14 Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli, bituma abakurako amaboko, abasahuzi barabasahura+. Abatanga* ku bansi bari babakikuje+. Abisirayeli ntibaba bagishobora abansi babo+. 15 Aho baja hose, Yehova yarabarwanya* akabateza ivyago+, bakamererwa nabi cane+. Yehova yabigize nk’uko yari yarabivuze, nk’uko nyene Yehova yari yarabibarahiye+. 16 Yehova yaraheza rero akabazanira abacamanza, bakabakiza ababasahura+.
17 Mugabo baranse kwumviriza n’abacamanza, basenga izindi mana*, barazunamira. Ntibatevye guta inzira ba sekuruza babo bagendeyemwo, kuko bobo bari baragamburutse amabwirizwa ya Yehova+. Mugabo abo Bisirayeli ntibagamburutse. 18 Igihe Yehova yaba abahaye umucamanza+, Yehova yaramufasha agakiza Abisirayeli abansi babo mu gihe cose uwo mucamanza yaba akiriho. Yehova yabigira kubera vyamutera akagongwe*+ kwumva amaborogo baborogeshwa n’ababacinyiza+ bakabafata nabi.
19 Ariko nya mucamanza apfuye, baca basubira gukora ibibi kuruta ba sekuruza, bagakurikira izindi mana, bakazisenga bakongera bakazunamira+. Ntibahevye ingeso zabo n’akagagazo kabo. 20 Yehova yahavuye rero ashavurira cane Abisirayeli+ maze avuga ati: «Kubera ko iri hanga ryahonyanze isezerano+ nategetse ba sekuruza babo kwubahiriza, rikanka kunyumvira+, 21 nanje nta hanga na rimwe nzokwomora mu mahanga Yosuwa yasize igihe yapfa+. 22 Ni ukugira ngo ngeze Abisirayeli, ndabe ko bazoguma bagendera mu nzira jewe Yehova nabashingiye+, nk’uko ba sekuruza babigize.» 23 Ni co gituma Yehova yaretse ayo mahanga. Ntiyihutiye kuyomora kandi ntiyafashije Yosuwa kuyanesha.