ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Abami: ibirimwo

      • Umuhanuzi Eliya avuga ko imvura itazogwa (1)

      • Eliya agaburirwa n’ibikona (2-7)

      • Eliya aja ku mupfakazi w’i Zarefati (8-16)

      • Umwana w’uwo mupfakazi apfa agasubira kuba muzima (17-24)

1 Abami 17:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni Yehova.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 17:15, 16, 22, 24; 18:36, 38, 46; 2Bm 2:8, 11; Lk 1:17; Yoh 1:19, 21
  • +Yos 22:9
  • +Gus 28:15, 23; Yr 14:22; Lk 4:25; Yak 5:17

1 Abami 17:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 37:25; Mt 6:11

1 Abami 17:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 11:23; Abc 15:19

1 Abami 17:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 18:5

1 Abami 17:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 4:25, 26

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 13-14

1 Abami 17:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:32, 37

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 13-14

1 Abami 17:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 13-14

1 Abami 17:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kari ku rushi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 4:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 14

1 Abami 17:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «agakate kiburungushuye.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 14

1 Abami 17:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 34:10; 37:17, 19; Fp 4:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 14

1 Abami 17:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 10:41, 42; Lk 4:25, 26

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 14-15

1 Abami 17:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 14-15

1 Abami 17:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uwo mugore nyene inzu.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ntiyaba agihema.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 4:19, 20

1 Abami 17:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 13:26

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 15

1 Abami 17:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 4:21, 32

1 Abami 17:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 99:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 15

1 Abami 17:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yak 5:16
  • +Gus 32:39; 1Sm 2:6; 2Bm 4:32, 34; 13:21; Lk 7:15; 8:54, 55; Yoh 5:28, 29; 11:44; Ivk 9:40, 41; 20:9, 10; Rm 14:9; Heb 11:17, 19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2007, rup. 5

    1/4/1999, rup. 26-27

    Iyo dupfuye, rup. 23

1 Abami 17:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:35

1 Abami 17:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 3:2

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Abm. 17:11Bm 17:15, 16, 22, 24; 18:36, 38, 46; 2Bm 2:8, 11; Lk 1:17; Yoh 1:19, 21
1 Abm. 17:1Yos 22:9
1 Abm. 17:1Gus 28:15, 23; Yr 14:22; Lk 4:25; Yak 5:17
1 Abm. 17:4Zb 37:25; Mt 6:11
1 Abm. 17:6Gh 11:23; Abc 15:19
1 Abm. 17:71Bm 18:5
1 Abm. 17:9Lk 4:25, 26
1 Abm. 17:10Heb 11:32, 37
1 Abm. 17:122Bm 4:2
1 Abm. 17:14Zb 34:10; 37:17, 19; Fp 4:19
1 Abm. 17:15Mt 10:41, 42; Lk 4:25, 26
1 Abm. 17:172Bm 4:19, 20
1 Abm. 17:18Yb 13:26
1 Abm. 17:192Bm 4:21, 32
1 Abm. 17:20Zb 99:6
1 Abm. 17:22Yak 5:16
1 Abm. 17:22Gus 32:39; 1Sm 2:6; 2Bm 4:32, 34; 13:21; Lk 7:15; 8:54, 55; Yoh 5:28, 29; 11:44; Ivk 9:40, 41; 20:9, 10; Rm 14:9; Heb 11:17, 19
1 Abm. 17:23Heb 11:35
1 Abm. 17:24Yoh 3:2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Abami 17:1-24

Abami ba mbere

17 Eliya*+ w’i Tishibe yaba mu karere ka Gileyadi+. Igihe kimwe abwira Ahabu ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli nkorera*, yuko ata rume ruzoboneka canke ngo hagire imvura igwa muri iyi myaka, atari jewe ndabivuze+.»

2 Yehova abwira Eliya ati: 3 «Va ng’aha ugende werekeza mu buseruko maze winyegeze mu mwonga Keriti mu buseruko bwa Yorodani. 4 Uzoze uranywa amazi yo muri uwo mwonga kandi nzotegeka ibikona bize birakuzanira ibifungurwa+.» 5 Ubwo nyene Eliya aca aragenda akora ivyo Yehova yamubwiye, aja mu mwonga Keriti agumayo. Uwo mwonga wari mu buseruko bwa Yorodani. 6 Mu gitondo no ku mugoroba ibikona vyamuzanira umukate n’inyama kandi yanywa amazi yo muri uwo mwonga+. 7 Mugabo haheze imisi, uwo mwonga urakama+ kuko ata mvura yagwa mu gihugu.

8 Yehova aca amubwira ati: 9 «Haguruka uje mu gisagara ca Zarefati co mu karere ka Sidoni maze ugumeyo. Nzotegeka umupfakazi abayo aze arakuronsa ibifungurwa+.» 10 Nuko arahaguruka aja i Zarefati. Ashitse kw’irembo ry’igisagara abona umugore w’umupfakazi ariko atoragura udukwi. Aca aramuhamagara amubwira ati: «Ndagusavye umfashishe utuzi two kunywa+.» 11 Agiye kumuzanira amazi amubwira ati: «Ndagusavye uze unzaniye n’agakate.» 12 Na we avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana yawe, nta mukate mfise. Mfise gusa agafu gakeyi cane* kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi mu gakarabo+. Ubu ndiko ntoragura udukwi dukeyi kugira nje gutegura akantu twe n’umuhungu wanje dufungura. Nta bindi tuzoronka, tuzoca dupfa.»

13 Maze Eliya amubwira ati: «Ntutinye. Genda ukore nk’uko ubivuze. Ariko ubanze utore ako gafu ufise unkorere agakate*, uce ukanzanira. Uraheza utegure ivyo wewe n’umuhungu wawe mufungura. 14 Kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ifu iri muri uwo mubindi munini ntizohera, n’amavuta ari muri ako gakarabo ntazohera gushika umusi jewe Yehova nzotuma imvura igwa mu gihugu+.”» 15 Nya mugore aragenda, akora ivyo Eliya amubwiye. We n’umuryango wiwe na Eliya bamara imisi myinshi baronka ivyo bafungura+. 16 Wa mubindi munini ntiwigeze uburamwo ifu, na ka gakarabo ntikigeze kaburamwo amavuta, nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Eliya.

17 Mu nyuma umuhungu w’uyo mugore yari amuhaye indaro* ararwara araremba maze arapfa*+. 18 Aca abwira Eliya ati: «Dupfa iki* ga muntu w’Imana y’ukuri? Mbega waje iwanje kunyibutsa ivyaha vyanje no kunyicira umwana+?» 19 Mugabo Eliya amubwira ati: «Mpa uwo muhungu wawe.» Maze aramuterura amuha Eliya. Eliya aca amudugana mu cumba co hejuru yararamwo, amuryamika ku buriri bwiwe+. 20 Atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje+, kubera iki uteje ivyago n’uyu mupfakazi ampaye indaro mu kumwicira umwana?» 21 Maze yubama kuri nya mwana incuro zitatu atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume uyu mwana asubira kuba muzima.» 22 Yehova araheza yumva ivyo Eliya amusavye+ maze uwo mwana asubira kuba muzima+. 23 Eliya aca atora uwo mwana, amukura muri ico cumba co hejuru, amuha nyina amubwira ati: «Ehe raba umuhungu wawe ni muzima+.» 24 Uwo mugore aca yishura Eliya ati: «Ubu ndamenye ko uri umuntu w’Imana vy’ukuri+ kandi ko ivyo Yehova avuga biciye kuri wewe ari ukuri.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika