ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 13:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nuko Aburamu abandanya kuba mu mahema. Mu nyuma araza aba mu biti binini vya Mamure+ biri i Heburoni+; atangura kuhubakira igicaniro Yehova+.

  • Itanguriro 23:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Inyuma y’ivyo, Aburahamu ahamba Sara umugore wiwe mw’isenga ryo mw’itongo ry’i Makipela imbere ya Mamure, ni ukuvuga Heburoni, mu gihugu ca Kanani+.

  • Guharura 13:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Baduze muri Negebu+, bashika rero i Heburoni+. Ico gihe, Ahimani na Sheshayi na Talimayi+, abavutse kuri Anaki+, ni ho bari. Aho i Heburoni+ hari hubatswe imyaka indwi imbere ya Zowani+ ho mu Misiri.

  • Yosuwa 10:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ku bw’ivyo rero Adoni-zedeki umwami wa Yeruzalemu+ atuma kuri Hohamu umwami wa Heburoni+ no kuri Piramu umwami wa Yarimuti+ no kuri Yafiya umwami wa Lakishi+ no kuri Debiri umwami wa Eguloni+, ati:

  • Yosuwa 14:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yosuwa aca aramuhezagira maze aha Kalebu, mwene Yefune, Heburoni ngo ibe intoranwa yiwe+.

  • Yosuwa 15:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nayo Kalebu+ mwene Yefune amuha umuturi hagati muri bene Yuda kw’itegeko Yehova yahaye Yosuwa, egome amuha Kiriyati-aruba (uwo Aruba yari se wa Anaki), ari yo Heburoni+.

  • Yosuwa 21:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Bene Aroni umuherezi babaha igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Heburoni+, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Libuna+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho,

  • Abacamanza 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Yuda agenda rero gutera Abanyakanani baba i Heburoni+ (imbere y’aho, izina rya Heburoni ryari Kiriyati-aruba+), bica Sheshayi na Ahimani na Talimayi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika