ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 13:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Iki ni co gihugu kigisigaye+: uturere twose tw’Abafilisitiya+ n’Abageshuri+ bose

  • Abacamanza 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Aya rero ni yo mahanga+ Yehova yaretse akagumaho kugira ngo ayagezeshe+ Isirayeli, ni ukuvuga abo bose batari barabonye intambara n’imwe mu ntambara z’i Kanani+;

  • Abacamanza 3:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ayo mahanga ni yo y’aya: Ba batware b’urunani batanu+ b’Abafilisitiya+, n’Abanyakanani+ bose, mbere n’Abanyasidoni+ n’Abahiwi+ baba ku musozi Libani+, guhera ku musozi Bayali-herumoni+ gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+.

  • 1 Samweli 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu wo mu gihugu ca Benyamini+; uze umurobanuze amavuta+ abe indongozi y’abantu banje Isirayeli. Ntazobura gukiza abantu banje abakure mu kuboko kw’Abafilisitiya+, kuko nabonye amarushwa y’abantu banje, kubera ko amaborogo yabo yanshikiriye+.”

  • 1 Samweli 14:52
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 52 Intambara yo kurwanya Abafilisitiya ibandanya kuba iyikomeye mu misi yose ya Sauli+. Igihe Sauli yaba abonye umugabo wese w’umunyenkomezi canke umuntu wese w’intwari, yaramwiyegereza+.

  • Amosi 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “‘Mbega kuri jewe ntimumeze nk’abana b’Abakushi, ga yemwe bene Isirayeli?’ ni ko Yehova avuze. ‘Mbega sinaduganye Isirayeli nkayikura mu gihugu ca Misiri+, n’Abafilisitiya+ nkabakura i Kirete, na Siriya nkayikura i Kiri+?’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika