ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 14:50
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 50 Umugore wa Sauli yitwa Ahinowamu umukobwa wa Ahimayazi; umukuru w’ingabo ziwe yitwa Abuneri+ mwene Neri, sewabo wa Sauli.

  • 1 Samweli 17:55
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 55 Maze rero igihe Sauli yabona Dawidi asohotse guhura na wa Mufilisitiya, yabwiye Abuneri+ umukuru w’ingabo ati: “Ako gahungu+ ni kene nde+ ga Abuneri?” Abuneri na we avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwawe mwami, sindabizi namba!”

  • 1 Samweli 26:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mu nyuma Dawidi arahaguruka, aja nya hantu Sauli yari yakambitse, maze Dawidi abona ahantu Sauli yari yaryamye, be na Abuneri+ mwene Neri, umukuru w’ingabo ziwe; Sauli yari aryamye imbere mw’ikambi+, abantu na bo bakambitse irya n’ino yiwe.

  • 2 Samweli 4:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Umuhungu+ wa Sauli yumvise ko Abuneri yapfiriye i Heburoni+, amaboko yiwe aca araregera+, Abisirayeli bose na bo bahagarika umutima.

  • 1 Abami 2:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Kandi nawe ubwawe urazi neza ivyo Yowabu mwene Zeruwiya yangiriye+, mu vyo yagiriye abakuru b’ingabo za Isirayeli babiri, Abuneri+ mwene Neri na Amasa+ mwene Yeteri+, igihe yabica, agashira amaraso+ y’intambara mu gihe c’amahoro, kandi agashira amaraso y’intambara ku mukaba wari mu mafyinga yiwe no ku nkweto* ziwe zari ku birenge vyiwe.

  • 1 Ngoma 26:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Bari bajejwe kandi ibintu vyose Samweli rubonyi+ na Sauli mwene Kishi na Abuneri+ mwene Neri na Yowabu+ mwene Zeruwiya+ bari baragize vyeranda. Ivyo umuntu wese yagira vyeranda vyagabwa na Shelomiti be na bene wabo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika