ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “‘Kandi mu gihe kavamahanga yoba abana namwe ari kavamahanga, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika+. Azobigira yisunze icagezwe ca pasika be n’ukuntu ivyaco bisanzwe bigirwa+. Hakwiye kubaho icagezwe kimwe kuri mwebwe, haba kuri kavamahanga canke ku mvukira y’igihugu+.’”

  • 2 Abami 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze asubira kuri wa muntu w’Imana y’ukuri+, we hamwe n’ikambi yiwe yose; araza, ahagarara imbere yiwe araheza avuga ati: “Ehe ubu ndamenye koko yuko ata handi hantu hari Imana mw’isi atari muri Isirayeli+. None rero, ndakwinginze wemere ingabirano y’umuhezagiro+ ivuye ku musuku wawe.”

  • 2 Ngoma 6:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 “Kandi n’umunyamahanga, atari uwo mu bantu bawe Isirayeli+, azoza koko avuye mu gihugu ca kure kubera izina ryawe rihambaye+ n’ikiganza cawe gikomeye+ be n’ukuboko kwawe kuramvuye+, akaza koko gusenga yerekeje kuri iyi nzu+,

  • Yesaya 56:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “Abanyamahanga bifatanije na Yehova ngo bamusukurire+ kandi ngo bakunde izina rya Yehova+, kugira ngo bamubere abasavyi, abubahiriza isabato bose kugira ngo ntibayihumanye kandi bakagumya isezerano ryanje+,

  • Ivyakozwe 8:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Kuri ivyo arahaguruka aragenda, maze, ehe inkone*+ y’Umunyetiyopiya+, umuntu w’ububasha yakorera Kanidake umwamikazi w’Abanyetiyopiya, akaba kandi ari we yari ashinzwe itunga ryiwe ryose. Yari yagiye i Yeruzalemu gusenga+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika