1 Ngoma 21:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nuko Dawidi abwira Gadi ati: “Birantuntuje cane. Ndakwinginze ngwe mu kuboko kwa Yehova+, kuko imbabazi ziwe ari nyinshi cane+; mugabo singwe mu kuboko kw’umuntu+.” Zaburi 86:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Mugabo wewe, ewe Yehova, uri Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe+,Iteba gushavura+, kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri+. Yesaya 55:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+. 2 Abakorinto 1:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Hahezagirwe Imana ikaba na Se+ w’Umukama wacu Yezu Kristu, Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe+ ikaba n’Imana y’uruhoza+ rwose, Yakobo 5:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Raba! Abihanganye tubita abahirwe+. Mwarumvise ivya kwa kwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona icavuyemwo gitanzwe na Yehova+, murabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi+.
13 Nuko Dawidi abwira Gadi ati: “Birantuntuje cane. Ndakwinginze ngwe mu kuboko kwa Yehova+, kuko imbabazi ziwe ari nyinshi cane+; mugabo singwe mu kuboko kw’umuntu+.”
15 Mugabo wewe, ewe Yehova, uri Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe+,Iteba gushavura+, kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri+.
7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.
3 Hahezagirwe Imana ikaba na Se+ w’Umukama wacu Yezu Kristu, Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe+ ikaba n’Imana y’uruhoza+ rwose,
11 Raba! Abihanganye tubita abahirwe+. Mwarumvise ivya kwa kwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona icavuyemwo gitanzwe na Yehova+, murabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi+.