10 Mu ntango z’umwaka+, Umwami Nebukadinezari atuma abasuku biwe+ maze bamuzana i Babiloni+ hamwe n’ibintu bihimbaye vyo mu nzu ya Yehova+. Vyongeye, yimika Zedekiya+ mwene wabo na se, ngo abe umwami wa Yuda na Yeruzalemu+.
37Nuko Umwami Zedekiya+ mwene Yosiya+ atangura kuganza mu kibanza ca Koniya+ mwene Yehoyakimu+, uwo Nebukadirezari umwami wa Babiloni yari yagize umwami mu gihugu ca Yuda+.