ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Raba ngushinze igikorwa uyu musi co kuba hejuru y’amahanga no hejuru y’ubwami+, kugira ngo urandure, usiturire hasi, utikize, usambure+, wubake kandi uteragire+.”

  • Yeremiya 4:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Inzira yawe n’ibikorwa vyawe, uzovyishura+. Ni co cago kizoza kuri wewe, kuko kirura; kuko vyashikiriye umutima wawe.”

  • Yeremiya 5:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi ntimuzobura kuvuga muti: ‘Kubera iki Yehova Imana yacu yatugiriye ivyo bintu vyose+?’ Nawe uze ubabwire uti: ‘Nk’uko mwantaye mukaja gukorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, ni ko muzokorera ab’ahandi mu gihugu kitari icanyu+.’”

  • Yeremiya 11:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Yehova nyen’ingabo ubwiwe, Umwe yaguteragira+, yakuvuzeko ivyago kubera ikibi c’inzu ya Isirayeli+ n’inzu ya Yuda, ico bo bakoze kugira bambabaze, mu gufumbishiriza Bayali umwotsi w’ibimazi+.”

  • Yeremiya 21:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘“Kuko ndabishije mu maso hanje kuri iki gisagara kugira ndagiteze ivyago atari kugira ndakigirire neza+,” ni ko Yehova avuze. “Kizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni+, kandi azogituriza umuriro ata kabuza+.”

  • Yeremiya 31:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 “Kandi nk’uko nagumye ndarikanuye ku bijanye na bo+ kugira ngo ndandure, nsiturire hasi, nsambure nongere nonone+, ni ko nzoguma ndarikanuye ku bijanye na bo kugira ngo nubake nongere ntere+,” ni ko Yehova avuze.

  • Ezekiyeli 7:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Iherezo ribwirizwa kuza+. Iherezo ribwirizwa kuza; emwe, rizokwikangura rikuzeko. Ehe riraje+!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika