10 Raba ngushinze igikorwa uyu musi co kuba hejuru y’amahanga no hejuru y’ubwami+, kugira ngo urandure, usiturire hasi, utikize, usambure+, wubake kandi uteragire+.”
10 “‘“Kuko ndabishije mu maso hanje kuri iki gisagara kugira ndagiteze ivyago atari kugira ndakigirire neza+,” ni ko Yehova avuze. “Kizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni+, kandi azogituriza umuriro ata kabuza+.”
28 “Kandi nk’uko nagumye ndarikanuye ku bijanye na bo+ kugira ngo ndandure, nsiturire hasi, nsambure nongere nonone+, ni ko nzoguma ndarikanuye ku bijanye na bo kugira ngo nubake nongere ntere+,” ni ko Yehova avuze.