ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 11:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kubera ukumera neza kw’abagororotsi, igisagara akamwemwe karagisya+, mugabo iyo ababisha bayogeye haraba akamo k’umunezero+.

  • Yesaya 44:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 “Nimwihe akamo k’umunezero, mwa majuru+, kuko Yehova yagize ico akoze+! Nimwihe akaruru k’intsinzi+, mwa bihimba vy’epfo rwose vy’isi+! Nimugire akamwemwe, mwa misozi+, n’akamo k’umunezero, wa kibira namwe biti mwese muri muri co! Kuko Yehova yacunguye Yakobo, akerekanira ubwiza bwiwe kuri Isirayeli+.”

  • Yesaya 48:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Sohoke muve muri Babiloni+! Hunge Abakaludaya+! Nimubimenyeshe n’ijwi ry’akamo k’umunezero, muvyumvikanishe+. Nimutume bishika ku mpera y’isi+. Nimuvuge muti: “Yehova yacunguye umusavyi wiwe Yakobo+.

  • Yesaya 49:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nimwihe akamo k’akamwemwe mwa majuru+, unezerwe nawe si+! Imisozi nigire akamwemwe n’akamo k’urweze+. Kuko Yehova yahojeje abantu biwe+, kandi yumvira ikigongwe abarushwa biwe+.

  • Ivyahishuwe 18:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “Nuhimbarirwe ivyiwe, ewe juru+, namwe beranda+ namwe ntumwa+ namwe bahanuzi, kuko Imana yashikije kuri we ku bwanyu igihano c’urubanza yamuciriye+!”

  • Ivyahishuwe 19:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 kuko imanza zayo ari iz’ukuri n’izigororotse+. Kuko yashikije urubanza kuri wa mumaraya akomeye yononesheje isi ubusambanyi bwiwe, kandi yahoye amaraso y’abashumba bayo yavishije n’ukuboko kwiwe+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika