ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 26:64
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 64 Yezu amubwira+ ati: “Wewe ubwawe urabivuze+. Yamara ndabibabwiye: Guhera ubu+ muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo+ bw’ububasha aza ku bicu vyo kw’ijuru+.”

  • Mariko 14:62
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 62 Maze Yezu avuga ati: “Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo+ bw’ububasha azanana n’ibicu vyo kw’ijuru+.”

  • Ivyakozwe 2:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Nuko rero, kubera ko yashizwe hejuru iburyo bw’Imana+ kandi akaronka ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe ayihawe na Se+, asutse iki mubona kandi mwumva.

  • Ivyakozwe 7:55
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 55 Mugabo we, yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru, abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana+,

  • Abaroma 8:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Ni nde azobatsindisha? Kristu Yezu ni we yapfuye, egome, nako ni we yazuwe mu bapfuye, akaba ari iburyo+ bw’Imana, ari na we kandi atakamba ku bwacu+.

  • Abakolosayi 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ariko nimba mwarazuranywe+ na Kristu, nimubandanye kurondera ibintu vyo hejuru+, aho Kristu yicaye iburyo bw’Imana+.

  • Abaheburayo 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ni we gukayangana kw’ubuninahazwa+ bwayo n’ishusho nyayo y’akamere nyene kayo+, kandi ashigikiza ibintu vyose ijambo ry’ububasha bwiwe+; kandi amaze kudutyorora ibicumuro vyacu+, yicara iburyo+ bwa Nyenubukuru mu bibanza vyo hejuru+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika