Yesaya 53:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+. Zakariya 12:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ubutoni+ n’ukwinginga+, kandi bazoraba koko Uwo basogōse+, bamuborogere vy’ukuri nk’ababorogera umwana w’ikinege; bazomucurira intimba rwose nk’abacurira intimba umwana w’imfura+. Matayo 27:49 Bibiliya y’isi nshasha 49 Mugabo abandi bavuga bati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumukiza+.” [[Uwundi muntu atora icumu, amucumita mu rubavu, havayo amaraso n’amazi+.]] Yohani 20:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Abandi bigishwa rero bamubwira bati: “Twabonye Umukama!” Mugabo ababwira ati: “Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye, ngo ninjize urutoke aho imisumari yaciye, ngo nongere ninjize ukuboko mu rubavu rwiwe+, sinzogenda nemeye+.” Ivyahishuwe 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen.
5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.
10 “Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ubutoni+ n’ukwinginga+, kandi bazoraba koko Uwo basogōse+, bamuborogere vy’ukuri nk’ababorogera umwana w’ikinege; bazomucurira intimba rwose nk’abacurira intimba umwana w’imfura+.
49 Mugabo abandi bavuga bati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumukiza+.” [[Uwundi muntu atora icumu, amucumita mu rubavu, havayo amaraso n’amazi+.]]
25 Abandi bigishwa rero bamubwira bati: “Twabonye Umukama!” Mugabo ababwira ati: “Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye, ngo ninjize urutoke aho imisumari yaciye, ngo nongere ninjize ukuboko mu rubavu rwiwe+, sinzogenda nemeye+.”
7 Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen.