ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 53:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.

  • Zakariya 12:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ubutoni+ n’ukwinginga+, kandi bazoraba koko Uwo basogōse+, bamuborogere vy’ukuri nk’ababorogera umwana w’ikinege; bazomucurira intimba rwose nk’abacurira intimba umwana w’imfura+.

  • Matayo 27:49
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 49 Mugabo abandi bavuga bati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumukiza+.” [[Uwundi muntu atora icumu, amucumita mu rubavu, havayo amaraso n’amazi+.]]

  • Yohani 20:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Abandi bigishwa rero bamubwira bati: “Twabonye Umukama!” Mugabo ababwira ati: “Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye, ngo ninjize urutoke aho imisumari yaciye, ngo nongere ninjize ukuboko mu rubavu rwiwe+, sinzogenda nemeye+.”

  • Ivyahishuwe 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika